Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kaminuza y’Uburundi ishobora gufatira ibihano abanyeshure bahagaritse (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi ishobora gufatira ibihano abanyeshure bahagaritse (...)

Kaminuza y’Uburundi ishobora gufatira ibihano abanyeshure bahagaritse ivyigwa

jeudi 13 Ntwarante 2014

Ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi buvuga ko yegereyegere yaraye itangujwe n’abanyeshure biga muri iyo kaminuza hamwe n’abo mw’ishure nderabigisha ENS itakwirikije amategeko, ari naco gituma ibihano bishobora gufatirwa abo banyeshure.

Mu gihe abanyeshure biga muma kaminuza ya Reta, kaminuza y’uburundi n’ishure nderabigisha ENS batanguye yegereyegere guhera ku munsi w’ejo kuwa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante 2014, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, mw’itangazo yasohoye, yamenyesheje ko ihagarikwa ry’ivyigwa ritakurikije amategeko na gato.
Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Gaston Hakiza avuga ko yasavye abo banyeshure incuro nyinshi ko mu gihe cose bafise ico basaba boshira imbere ibiganiro, aho kwihutira guhagarika ivyigwa.
Yasavye rero ashimitse abo banyeshure gukurikirana ivyigwa vyabo nk’uko vyahora, kuko mu gihe batobikwirikiza ibihano nk’uko bitegekanywa n’amategeko agenga kaminuza, bizofatwa kuri abo banyeshure.

JPEG - 32.4 ko
Gaston Hakiza, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi

Tubibutse ko abo banyeshure bariko basaba gutunganirizwa aho biyamiriza ingingo yo gusubiramwo ingene agafashanyo kahora gahabwa umunyeshure yatoye ca kibazo ca Reta, hamwe n’ukutazosubira guha ako gafashanyo umunyeshure azoba asubiramwo umwaka, naho ryoba rimwe gusa. Abo banyeshure babona ko ari ugushaka gucanishamwo abanyeshure, mu gihe bamenyesha ko amashure ya kaminuza agiye gukurikiranwa n’abanyeshure bavuka mu miryango yifise gusa.


Floxella Karire

Messages

  • mushinganta ntamvura idahita, mbe wibaza ko ico kibanza uzokigumamwo vugira ugwaruka rwejo naho woba atabo ufise kuko ndazi ko abawe biga hanze ku ma bourses ka meme urafise incuti, mugabo ntagitangaje ukororera umugambwe wawe wibaza ko amazi adashura mugabo nti yibagira ibumbeho.

  • novunira urugohe abahutu!mbe nikubera iki ingingo zicafuza Cndd fdd usanga ari abatutsi bari imbere?Nduwimana hama uyo mugamba wi mayuyu wewe ahaye IKIBIRI abagira propagande bababa ibihumbi 7000!Il y a 20 ans mwavuga ngokanura burakeye!!!none????!!!

  • none icontumva abanabatize ejo hazotwarabande hazovurabande hazigishabande ubwo abadutwara bo ntibumvako aragahinda?? turiko tujahe yemwe konabo kugira badutwarebize imana ntizobatubaza birateyikigorwe reta nisebavyeyi nifata minenerwe ikikibazo cabana bizoyigora kuko naho ababo bigahanze bamenyeko nugutwara impumyi bizobavuna cane nibamenyeko nabobaciye kuntebeyishuri!!!!!!

  • Mbega uru rugabo rwa niryo rutamikwa ijambo ntiruraheza mandat de 4 ans?Kuva ndahavuye iza iriko iba 6 kandi nirwo rwatwara kuva 2005!
    Nta na rimwe be na Nzobonahababa Filipo bigera bavuga ko Grève ikwije amategeko!Iwabo babona amahera gusa!Jewe cambu c’abandi nibazako Aba batutsi bo muri DD kuberako bari muri bamwe bariko barya imikate i Bulaya abandi bariko barya inzoka n’imisiba ku rugamba,bagerageza kuba nka ba bahutu bihutura bakaba aba mbere mu kwica bene wabo za 93!teshwa mute na Giswaswa baramuhindutse!Iyo muba abo mbwira mwomenye ico DD ibategurira muri kazoza!Baza Kabizi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.