Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kaminuza za Reta : N’aho bongewe ikiringo ntibarota baja kwiyandikisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza za Reta : N’aho bongewe ikiringo ntibarota baja kwiyandikisha

Kaminuza za Reta : N’aho bongewe ikiringo ntibarota baja kwiyandikisha

vendredi 28 Ntwarante 2014

Abanyeshure biga muma kaminuza ya Reta bararahira bakarengwa ko batagiye kwitaba akamo batewe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, naho ikiringo co kwiyandikisha congerejwe gushika kw’igenekerezo rya 1 Ndamukiza, mu gihe ivyo basaba bitaraboneka.

Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo ku wa kane, abanyeshure bararahira bakarengwa ko batagiye gusubira ku mashure kwiyandikisha ivyo basaba bidatorewe umuti. Kubwabo, bari biteze ko umushikiranganji w’amashure ya kaminuza hari gishasha azanye, na cane cane ko yoba agomba yitabe akamo yatewe n’umukuru w’igihugu ko hotunganywa ibiganiro ariko siko vyagenze.

Abo banyeshure basaba ko ingingo zibiri ziri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, hamwe no mw’itegeko ry’umushikiranganji zatumye bahagarika ivyigwa ko zosubirwamwo kuko zikumira umwana w’umunyeshure w’umukene. Abo banyeshure babandanya basaba ko iterabwoba bariko bagirirwa ryohagarikwa vyihutirwa.
Basaba kandi ko abayobozi ba kaminuza zitandukanye, gushika no ku bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, ko boraba uko bahagarika iterabwoba bariko bagirirwa. Basaba kizigenza ariwe umukuru w’igihugu c’Uburundi kuraba ico yobafasha mu bibazo bafise.
Abo banyeshure baserukira abandi, mu rwandiko basohoye, barangiza basaba abanyeshure bagenzi babo kuguma bafatanye mu nda, nk’uko bamaze iminsi bavyerekana.

Mwomenya ko umushikiranganji yaraye abakuriye inkoni ku gishitsi ko ata biganiro bariko baragiranirana n’abo banyeshure mu gihe batari ku kivi ku mashure, kuko ubu vyitwa ko batakiri abanyeshure. Kubw’umushikiranganji Joseph Butore, bashaka ibiganiro nibabanze batonde ku mashure kwiyandikisha nk’uko babisabwe.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.