Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kamwenubusa: Amatora yigijwe inyuma kugira hashirwe mu ngiro ivyasabwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kamwenubusa: Amatora yigijwe inyuma kugira hashirwe mu ngiro ivyasabwe na (...)

Kamwenubusa: Amatora yigijwe inyuma kugira hashirwe mu ngiro ivyasabwe na EAC

dimanche 12 Mukakaro 2015

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Louis Kamwenubusa amenyesha ko itegeko ryo guhindura umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu vyakozwe hihwejwe ko ata ngaruka vyogira kw’iyubahirizwa ry’ibwirizwa nshingiro.

Louis Kamwenubusa avuga ko itegeko rishiraho umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu ryahindutse kubera ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ko amatora yokwunguruzwa.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga ko iyunguruzwa ry’amatora rizofasha abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta kuronka akanya ko kwiyumvira kugira nabo baje mu matora.

Mu gihe amategeko avuga ko umukuru w’igihugu atorwa n’imiburiburi ukwezi kumwe imbere y’uko arahira,Louis Kamwenubusa avuga ko iyo ngingo yo kwigiza inyuma amatora ije kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Messages

  • Umukuru w’igihugu kugira yerekane kwari se barundi yari guheba iyo mandat ya 3 kandi nticomubuza kugumana icubahiro hako akavuyo kabandanya mubana buburundi kandi ari bamwe none amaraso y’abarundi yatanguye kuva ivyo abazoramba bazovuge ko arivyo vyaranze mutama wacu peter nkurunziza?Mana wohaye abategetsi ba afrika imitima yoroshe.

  • Mwovyemera mworeka, mwotora mworeka, igihe canyu co gutwara Uburundi cararangiye! Namwe ubwanyu murabizi ariko mufise ubwoba bwoguhanirwa ivyaha mwakoze!

  • Abatoba nubundi ntibazobura nibatange umwidegengemvyo bunguruze kuko abarundi uwutuyoboka turamuzi.ntabwoba biduteye.Ariko icatumye Gwasa yanka inteb zabajenama Bakomin na bashingamateka,nicokizotuma nubundi aguma atujabira.

  • TWEBWE MURADUHENDA.UBWAMBERE TWARITOREYE ABASHINGAMATEKA N’ABAJENAMA B’AMAKOMINE UBU DUSABA MUTUREKE TWITORERE UMUKUR W’IGIHUGEU JE MURANTANGAZA MWA BANYE POLITIQUE MUGOMBIKI NONE!!!

  • Nareke kubesha uwo mugabo ariko abesha ubonako ikiryoma kitazotsinda ukuri? Nibarindire nabandi batirutse nawe arinyuna

  • NGIRA UWO MUGABO ARASARA KUKO AVUGA NGO BUBAHIRIJE IVYASABWE NA EAC!!!KANDI EAC YASAVYE KO YEGEZWA LE30 ARIKO AKABA YAYASHIZE LE21 MWUMVA ADASARA???

  • Ntimumaramara mukuvuga ko mwubahirije ibwirizwa nshingiro

  • Kamwenubusa umugamba wikibegito cane

  • Izina niryo muntu kweri none nkaho uriko uravuka ivy’ibwirizwa nshingiro, ntunamaramara?wewe aho ivyo uvuga wumva haruwogutega n’ugutwi? Ntavyo biyumvira ntavyo ico mwashatse nikimwe rorera rero mukibone,namba EAC harivyo yabasavye ko mudashira mungiro kutitoreza mandat yagatatu? Oppos izoja mumatora aruko peter aretse iyo mandat canke apfuye ni2,mwebwe shaka nejo kuwambere muje gutora ntaco bivuze aribwirizwa nshingiro mwarihonyanze mugifata ubutegetsi rero bandanya nubu ariko hagowe ababigira kuko bazobabara batagira gitabara. Ahasigaye inyishu kukibazo kiri aho nuko mandat 3 yohagarara. Namba mwumviye impanuro za EAC ibihugu vya buraya hamwe nivya afrika nivyihe bifasha uburundi cane? Ko mutumviye ababafasha muri vyose ndababwire igice c’ubutegetsi bwanyu kiri mumuriro hasigaye igihande kimwe nacone hasigaye gato naco kigafatwa n’umuriro mubigire mubizi.

  • NONE MUPFA IKI IYI MISI YARABUWE NUBUTUMWA TURIMUMISI YIHEREZO AHUBWO DUSENGE IGIHE KIRAKUZE

  • Abakungu bariganje mu Burundi kweri!!

  • Aho nkidyo nijambo dyogushikiriza abanyagihugu canke washatse nagusa tubone urwo ruhanga iyutfuma uhora mwebwe honyene eheraba muraheba mukabura nimisi mwoshirako amatora kubera kumaramara hazogera igihe nimisi ntimumenye aho igeze arikuwamungu mugirengo nikuwagatanu intarabona isera ihaha.

  • Aba bose banditse naravye ivyo mwanditse nasanze guhera kuri SCOTT, NKOMEZI ,PAJO,NESTOR, KAREBU naTUVEKO nibo bafise ivyiyumviro birashe cane kuruta ivyabandi hama nkuyu yiyise ngo ni BARON umve mwana wamama nubwo yogira gute agafukama agasaba imbabazi, ntabwo yobabarirwa YESU ntanakimwe yakoze ariko PIRATO yabajije abo atwara ati tumucire urwihe rubanza,bamwe ati niyicwe,abandi ati narekurwe uburuhiro yarishwe. Rero peter nawe nubwo yoheba ino mandat ntambabazi ziwe ziri musi y’izuba oya kiretse hejuru y’izuba none namba yaranyiciye umuryango, abagenzi agata muruzi yababoshe mumagunira, inzara ikaba inigaba abantu kubera we ati yaronse imigambi yo gutera amavoka atanigiti nakimwe kikirangwa mugihugu uyo womucira urwihe rubanza? Aho nciye kumayange ivya FALCON,IDENI RY’UBUDANDE ryari rifitiye uburundi,gufungwa, kwica ntivyajemwo rero niyihangane BIBLE ivuga ati niwicisha inkoho nawe niyo izokwica,twebwe abene gihugu ntambabazi dufise kuko twambaye inyama namaraso imbabazi nizuwiteka.

  • Jewe ndatangazwa nabirirwa baravuga menshi kuri kamwenubusa yamye yironderera ico aha inda yiwe ,inda yiwe ihimvye ntaco yibanga

  • eka uri kamwe n,ub0 nyene,uburundi buratunze ama pampa ngo n,abantu kweli!!!

  • AMATORA YUMUKURU W’IGIHUGU AZOBA ITARIKI ZINGAHE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.