Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kanyombya agiye kwerekeza mu Bubiligi mu biteramo vy’ireresi (...)
Kanyombya agiye kwerekeza mu Bubiligi mu biteramo vy’ireresi yanditse
samedi 21 Nyakanga 2013
Ireresi “Bwenge naguhenze” yanditwe n’umukinyi Kayitare Ndjori azwi cane kw’izina rya “Kanyomvya”, mu nyuma y’uko ayishize ku mugaragaro mu gihugu ciwe c’Urwanda, ubu noneho agiye kwerekeza mu bitaramo hanze y’igihugu. Ubu ariko yitegurira kwerekeza ku mugabane w’iburaya, mu gihugu c’Ububirigi, mu nyuma y’aho ahave aza no mu Burundi.
Nk’uko umuririmvyi “Bizimana Belgine”, ajejwe gukurikirana ibikorwa vya Kanyomvya (Manager) yabiganiriye ikinyamakuru IGIHE, yavuze ko ubu ico bariko bitegurira ari ibiteramo bitandukanye vyo gushira iyo reresi ku mugaragaro, ahantu hashoboka hari abakunzi ba Kanyomvya, kuko abo bakunzi ba Kanyombya aribo nyene bavyisabiye.
Yagize ati : "Mu ntango z’ukwezi kwa cumi na rimwe, uyu mwaka, turiko twitegura kwerekeza ku mugabane w’iburaya, mu gihugu c’Ububirigi, tukazoba tugiye guteramisha no kwereka abakunzi bacu iyo reresi nshasha ya “Bwenge naguhenze”, ico giteramo kikaba categuwe na Kitoko Abudul aba mu gisagara co mu Bubirigi.

Naho Kanyombya we avuga ko ari iteka rikomeye kuba agiye kwerekana ubuhinga bwiwe ku mugabane wa burayi, akavuga ko yiteguriye kuzonezereza abakunzi biwe. Inyuma y’ivyo biteramo mu Bubirigi, Kanyombya amenyesha ko azoca aja i Bujumbura, hamwe mu bibanza avuga ko afiseyo abakunzi benshi.

Joel Sengurebe
Messages
28 Ruheshi 2015, 21:32, par Niyomukiza Gloria.
Ico Niyumvira Kuriyo Nkuru Nuko Kanyomvya Atunezereza Muma Reresi Akunda Gukina.Nagire Vuba Azoze Kuduteramisha Natwe Ino Muburundi.
11 Ruhuhuma 2017, 23:07, par Kaneza
Mu burundi Azoza Igihe Ki
1er Munyonyo 2018, 08:19, par Leslie
Mbe kanyo numva bakuvuga none se ntiwogaruka kudukinira akareresi karyoshe