Accueil > Amakuru > Rwanda > Kanyombya yaraye mw’ibohero
Kanyombya yaraye mw’ibohero
jeudi 21 Myandagaro 2014
Kanyombya, umukinyi w’amareresi aturuka mu gihugu c’Urwanda yaraye mu minwe y’inyamiramabi. Yagirizwa kugonga umugore agatako akamukubita.
Amakuru dukura mu kinyamakuru "umuryango.com" co mu Rwanda, yemeza ko umukinyi w’amareresi Kayitankore Ndjoli azwi kw’izina rya Kanyombya yaraye mu minwe y’inyamiramabi. Ariko akwirikiranwa ku caha co kugonga umugore n’agapikipiki yariko agendesha mu mihana. Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, Kanyombwa amaze kumugonga, yaciye amurengerako amukubita amakofe. Uwo mugore n’abandi baje kumutabara bahavuye bahamagara inyamiramabi, ari nako gufatwa akajanwa mw’ibohero.
Mbabazi Modeste inyamiramabi akaba n’umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Kigali avuga ko Kanyombya apfunzwe ku mvo z’amatohoza, kugira bamenye icatumye agira ibintu nk’ivyo, hanyuma bamucire igihano hamwe icaha comwagira.
Ejo hahise kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro, niho Kanyombya yafatwa akajanwa gupfungirwa mw’ibohero riri ahitwa Muhima.
Cherif Nkeshimana
Messages
21 Myandagaro 2014, 21:15, par kigongwe
Kanyombya weeeee!ubu nabatama basigaye bipfuza kugwana?isi yaratitutse pe!!!
21 Myandagaro 2014, 22:17, par alexis niyonkuru
nibamushire mubutungane guko yagize nabi guca yihanira .naho abarundi tumukunda cane
22 Myandagaro 2014, 06:12, par Mama
Uwomukunzi wanje yakozenabi kwiuhanira, ariko jewe ukombona abantu bagensanamaguru ubu vyarahindutse bumvise motor canke imodoka ntikiyibisa ivyondakunze kubibona Hank Burundi, Rwanda etc.
22 Myandagaro 2014, 09:19
Noneho Umusaza!!
Hahaha,reka aje gukinira film mukasho naho turabeko izosohoka iryoshe nk’izindi akina!!
22 Myandagaro 2014, 09:19
Noneho Umusaza!!
Hahaha,reka aje gukinira film mukasho naho turabeko izosohoka iryoshe nk’izindi akina!!
22 Myandagaro 2014, 11:06, par Karori
Ohoo! Ariko Kanyomvya We,ihangane Ariko Ikindi Gihe Niwagonga Uzotabaze Police Ureke Kwihanira
22 Myandagaro 2014, 14:23, par ##\%
bamufunge 14ans kuko imoto ye ntisumba umuntu
23 Myandagaro 2014, 07:38, par ##@
Wihangane burya umuntu aragwa mumakosa atavyipfuza ariko igikuru nugutahura kowayaguyemwo nohanyuma ntibisubire. imana irakubona izogufasha.
25 Myandagaro 2014, 00:53, par alex bigirimana
kanyombya n’ukwihangana ushikame Imana i zokurasha ico ndosaba mwo mubabarira kubera nawe siwe numbansi satani please forgive him
25 Myandagaro 2014, 00:53, par alex bigirimana
kanyombya n’ukwihangana ushikame Imana i zokurasha ico ndosaba mwo mubabarira kubera nawe siwe numbansi satani please forgive him
25 Ntwarante 2015, 21:57, par mugisha.richard
icombona gikwiye gukorwa n’ uko bomurekura agataha kwikinira firme gusa bakamucira urubanza rwicaha yagirizwa mugabo bakamuca amafranga yo gukutsa ikivi c’uyomukenezi mbese nayo kwishura ibitaro (vyosumba kumupfunga
29 Ndamukiza 2015, 18:24, par JUSTIN
AHOHARIRYARI AHOYAGONGA UWOMUGORE?
9 Rusama 2015, 15:42, par muhimpundu
Mbega kanyombya weee wagiz ko kwa kagame arufyina?hehehee iburundi niho wokora ivyinda zigira mwi singlet yababoyii...hihihi
11 Rusama 2016, 21:04, par christian ngendakumana
nuko kanyomvya mwomugirira imbabazi kimw gusa agakwirikirana uwo mukenyezi yagonz akamuvuza mpaka akize.
16 Rusama 2016, 22:04, par rukundo criss
Vyiza mwomurekura Agasambayidege Mvya Mwobamukoze Akabandanya Akazi Kiwe Mwoba Mugize neza Nkukobiri@ariko Nti Mwoca Mumucira Igihano Kirenze?
2 Mukakaro 2016, 23:29, par Nsengiyumva Cyriaque
Nibazako Nimba Nyamugore Ariwe Yarimumakosha Ko Kanyombya Yoba Liberé,ou Kanyombya Arimumakosha Agahanwa Conformement À La Loi
25 Munyonyo 2016, 20:09, par Levis shimirimana
NIBAZAKO UWOMUNGORE ARIMUMAKOSA KUKO NTIYARIKUMUKUBITA ATARI MUMAKOSHA CANKE NAHO KANYOVYA ARAGWAYE NI BAREKE KUMUFUGA AHUBWO BAJEKUMUVUZA
12 Rusama 2017, 14:45, par Nizigiyimana
Nukumurekura Aje Kwikinira Flime Ziwe Kuk Ni Agisida Gusa Naho Yihaniye Mumutahure Umusaza Iyo Ashaje Ubwenge Buramujana Erega Kanyomvya Arashaje.
3 Ruhuhuma 2018, 22:37, par Mesha
Nshaka Amakuru Yakanyomvya Kanyomvyabihanga