IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Basaba abantu babo 7 imbere yo gusubize umuporisi (...)

Kanyosha : Basaba abantu babo 7 imbere yo gusubize umuporisi bafashe

mardi 26 Rusama 2015

Abantu indwi bafashwe mu myiyerekano muri komine ya Kanyosha, abari mu myiyerekano nabo, baca batwara umuporisi.

Amafirimbi, kuzibira amabarabara, bikaba arivyo vyazinduye abakuze n’abakiri bato. Baciye batangura kwiyegeranya, bagenda baravyina bukebuke, mu kuvyura abandi. igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo ine, urwamo rw’amasasu rwaciye rutangura kwumvikana, abari muri iyo myiyerekano barashwiragira, ariko haheze akanya nk’igihe c’isaha zitatu, basubiye kwiyegeraniriza aho nyene, mbere n’abatari bwaze baca barashwabaduka.

Inyuma y’aho abari mu myiyerekano indwi bafashwe n’abaporisi bacungera inzego, abari mu myiyerekano nabo, baca bafata umuporisi baramugumya. Amakuru twashoboye kuronka ni uko, hariko haraba imyumvikano ifashijwemwo n’abasirikare na bamwe mu baporisi, kugira abari mu myiyerekano bahabwe abantu babo, abo nabo basubize umuporisi bafashe.

Twobamenyesha ko muri iyo komine nyene ya Kanyosha muri quartier ya Gisyo hatowe ibiziga bibiri. Nk’uko umumenyeshamakuru wa IGIHE yabibonye, umwe akaba yaboneka ko yapfuye acumiswe ikintu mu mutwe. Amakuru atangwa n’abagira imyiyerekano, akavuga ko abo bantu babiri bapfuye ari abantu babo, kandi basa n’abatemaguwe, umwe muri abo akaba yitwa David.


IGIHE

Messages

  • Uwo mupolice ntibamutange batarekuy abari mumyiyerekano. cank bamugire nkabo babiri, bobo ntiwumva koharaye hichwe babiri.

  • Inguvu inguvu bantu mwese dusangiye urugamba so igikorwa kibaye mu kanyosha twese nibiduhe inyigisho ntitugume dusinziye uko umwanya ugenda niko dukiye kuza turahindura ingendo banyakanyosha komera natwe tugiye kuza turakurikiza iyo nyifato igipolici ndazi kigiye kuza kiritonda tugiye turagira uko twese so abarimu abaganga murindiye iki mwese guhaguruka tukarwanya uyo munyamafuti atagira ijambo mwabonye ibintu bigiye ku bamena amaso ubu nivyahuhuka bigiye kongerekana komera twese tugiye kumurwanya ndavyizeye kandi yaramaze ku vako imizi yose yaracitse asigaye kugasununu kice kirwa turwize iguvu gusa urabe imisi mike tuzoba twafashe umukizi inguvu inguvu inguvu atagutwenga

  • REKA NGIRE ICYO MBAZA ABARUNDI BOSE CYANE CYANE ABAKORA IMYIYEREKANO,
    URUGOMO NTIRUKURA URUGOMO, ESE KWICA, GUSAHURA GUTWIKA ABANTU KWANGIZA IMIHANDA AMAZU N’IBINDI BIBI MUKORA MUBONA BYAVANAHO UBUBI BW’IBYO ABANDI BARUNDI BAGENZI BANYU BAKORA.
    LA HAINE APPELLE LA HAINE, LA MORT APPELLE LA MORTMAIS LA PATIENCE APPELLE LA PAIX.
    ESE MWE BAPORISI MUSHINZWE GUCUNGA UMUTEKANO IYO MWISHE ABO MUSHINZWE KURINDA MUBA MUGIZE NEZA? IBYO MUKORA BYOSE MUZI KO NTA GISUBIZO KIBIRIMO ICYABAHESHA AMAHORO NI UGUTUZA N’UBWUMVIKANE MWESE MURI ABANTU, MURI ABARUNDI KIMWE KANDI MUZABANA MWAPFA CYANGWA MWABAHO.
    ICYIZA NI UGUHIRAMO KUBANA MURIHO KURUTA KUBANA MWARAPFUYE. KUBANA KO MUZABANA.
    PETER NKURUNZIZA, MUKOZI W’IMANA KO NUMVA KO USENGA UKAGIRA NA HALLELUIJAH TEAM ESE AMARASO Y’ABARUNDI AMENEKA KU BWAWE NACYO AKUBWIYE UBONA SE ARI AYO KUGUCUNGURA. SUBIZA AMASO INYUMA MAZE NIBIGUKUNDIRA UHEBE ICO KIRINGO.
    ABAMURWANYA SE MWE MUBONA GUTURIRA AMAPINE, GUFUNGA AMABARABARA, KWICA NO GUTURIRA ABANTU ARI DEMOCRATIE?

    MWESE IBYO MUBIBA NI BYO MUZASARURA.

    IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI BOSE BABA MU RWANDA, MURI CONGO NDETSE NA TANZANIYA

  • MANA TABARA UBURUNDI.YOOO!!!.TURAHOJEJE IYO MI.RYAGO YABUZE.

  • Ibimenyetso bisanivyamaze gukwira bizokwerekanwako abagiye mwibarabara batagiyeyo kubera ukuzokwitoza kwa Nkurunziza.

  • Ko mu masengesho tudasiba mbere ibice vyishi vyabarundi kubera iki tunywa amaraso ya bagenzacu?kuki tudakurikiz amabwirizwa?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.