Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Abatandukanye baremeza ko musitanteri bamwiboneye ateye (...)
Kanyosha : Abatandukanye baremeza ko musitanteri bamwiboneye ateye grenade
jeudi 7 Rusama 2015
Musitanteri wa komine ya Kanyosha Abdou Abraham Bampoye ararahira akarengwa ko atigeze atera amagrenade mu bo arongoye.
Mu myiyerekano yiriwe irabera muri komine ya Kanyosha, Abdou Abraham Bampoye musitanteri w’iyo komine, aragirizwa n’abanyagihugu ko bamwiboneye, wenyene, ariko atera izo grenade. Abo banyagihugu bakibaza ingene bazosubira kumwizera, mu gihe bamubonye, ariko abatera amagrenade, kandi, ariwe mutware wabo. Abdou Abraham Bampoye musitanteri w’iyo komine, arahira, akanana ko atigeze atera izo grenade muri iyo quartier ya Kajiji. Ico yemera, ni uko, hari abanyagihugu baje kwugurura amabarabara yari azibiye ku Muco, aho nyene muri komine ya Kanyosha.
Abdou Abraham Bampoye akavuga ko abamwagiriza ivyo, ari indwano ya Munwa. Ariko naho arahira akarengwa ko atigeze atera izo grenade, amakuru ikinyamakuru IGIHE.bi gifise kandi yo kwizera, ni uko, uwo musitanteri yari afise grenade zibiri, imwe yarayiteye ubwiwe mu banyagihugu, iyindi nayo amaze kubona ko abanyagihugu bamubonye na bamwe mu bamenyeshamakuru, akaba yaciye ayiha umuntu yari yambaye impuzu za giporisi.
Tukabibutsako, muri ico gitero cagizwe n’Imbonerakure za CNDD FDD mu Kajiji muri komine ya Kanyosha, hatewe grenade icenda, haca hakomereka abantu batatu.
IGIHE
Messages
7 Rusama 2015, 12:49, par t
Nikijuju
7 Rusama 2015, 13:05, par mubara
nakaga
7 Rusama 2015, 13:40, par manirakiza
Mbega yemwe nigiki kizokorwa kugira insaku ububeshi buhere i burundi
7 Rusama 2015, 15:10, par Mbanza
Uwo ari muri za nterahamwe bavuga...
7 Rusama 2015, 15:28, par jeanluc
Barundi benewacu murakwiye gusengera igihugu cacu.Kuko abadayimoni bacinjiye. Ibinyoma nkivyo mukwiye kwitonda ingene mushikiriza amakuru canke ingene muyakira. Ariko ukomeye mumutwe nka musitanteri ubona woshobora gutera grenade mubantu bakuzi? If faut avoir un esprit pour discerner les chauses.
7 Rusama 2015, 16:35, par ndegeya
Komeza muharira muzokwibonerako, irya icomubuza gutera grenade ni igiki, ntiyatekeye abo bishe mu masashe harya yibazako abanyagihugu bavyibagiye? nketswe ubu turi mu ngwano. ni ikijuju nyene nkuko abandi babivuze.
7 Rusama 2015, 18:18, par Gil Ntihebuza
Birambabaje kubona uwansubiriye akora atyo,ba nya Kanyosha humure buca ngaruka twikoranire mu mahoro n’umunezero.
7 Rusama 2015, 18:44, par #@
Nuko mbona mwitanganiza muguharira kandi abavyiboneye aribo bariko babivuga. Mbega ico mutita ububeshi ni icahe ? Buri kosha iyo ryagirijwe iyo mihimbiri, uza ubona abita imbere kubaharirira ari abaja babo. Mwese muri inyanka Burundi. Nuko mubona Imana itagihaniraho, Iyo minwa mwama mugenda mwugururiye ububeshi iba isigaye imaditse kunyo zanyu. Ariko nubundi muzobibazwa tu. Nanje nzoraba uwo bazotwara muri iyo myaka itanu.
7 Rusama 2015, 19:00, par elijah sabiyumva
EWe satani uhoraho aguhana kubona utwaye ubwenge abarunndi bose uherey kuri president ugashitsa kuri nyarutsari ndabisubiye uhoraho aguhane.
7 Rusama 2015, 19:06, par Eddy
UWO NI MUSITANTERI
5 Ntwarante 2016, 14:10, par jeremi
harigihe yobarengnwa kuko wosanga abanyagihugu bOmukanyosha batamwiyumvamwo
5 Ntwarante 2016, 14:12, par jeremi
harigihe yobarengnwa kuko wosanga abanyagihugu bOmukanyosha batamwiyumvamwo
5 Ntwarante 2016, 14:23, par jeremi
nimutohoze murabe ko arivyo cank atarivyo mumuhane
5 Ntwarante 2016, 14:25, par jeremi
nimutohoze murabe ko arivyo cank atarivyo mumuhane