IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyosha:Kuva mu Gisyo uja mu Kibenga ntibicoroshe

Kanyosha:Kuva mu Gisyo uja mu Kibenga ntibicoroshe

vendredi 4 Nzero 2013

Haraheze igihe ikiraro gito gihuza ama Quartier ya Gisyo yo muri Komine Kanyosha na Quartier ya Kibenga yo muri komine Kinindo gisidutse igice caco,abagabo nibo bashobora kuhaca basimvye kuko kitari bwabomoke cose,inyuma y’imvura nyinshi yaguye kikaba caradidutse cose nayo abantu baca mu mazi bikaba bitoroshe iyo imvura yaguye.

Ushitse ahahoze ico kiraro usanga abantu batangaye kubona ico kiraro carasidutse mu gihe arico bahorabacako. Ubonye gusa ibisigarira niho ubona ko higeze kuba ikiraro.Ivyo bituma ababa ku nkegera bagira ubwoba kuko amabuye n’umusenyi navyo nyene vyatwawe n’isegenya bigaca bituma uruzi rwa Kanyosha rwaguka mbere bikaba bishobora no gutuma ikiraro gikuru kiri kw’ibarabara rya Rumonge gisiduka.

Abanyagihugu baba hafi y’urwo ruzi bakaba babuze ico bafata n’ico bareka kuko bibaza uko bagiye kuva muri Quartier baja mu yindi na cane cane mu gihe c’imvura.Kubwa Desire Nahayo,ngo abanyagihugu bo muri ayo ma Quartier abiri bari bamenyereye guca kuri ico kiraro gito bikaba bitari vyoroshe ku bagore bibungenze no ku bantu bakuze kuko baca mu mazi.

Kubwa Alexis Niragira aba muri Quartier ya Gisyo wewe ngo ntafise ubwoba gusa kubera ababa ku nkengera z’uruzi Kanyosha ariko afise n’ubwoba kubera ikiraro gikuru kuko iyo imvura iguye ihitana ibigishigikiye.

Abanyagihugu bakaba basaba rero ko hosanurwa ico kiraro casidutse cosanurwa,bakaba basaba kandi ko boshigikira inkombe z’urwo ruzi mbere y’uko igihe c’imvura gishika.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.