Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karim Wade yaciriwe imyaka itandatu y’umunyororo n’ihadabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Karim Wade yaciriwe imyaka itandatu y’umunyororo n’ihadabu

Karim Wade yaciriwe imyaka itandatu y’umunyororo n’ihadabu

lundi 23 Ntwarante 2015, par IGIHE

Karim Wade yaciriwe imyaka itandatu yo gufungwa hamwe n’ihadabu ry’imiriyaridi 138 z’amafaranga y’ama CFA.

Karim Wade, umuhungu wa Abdoulaye Wade, ku myaka 46 akaba yagirizwa icaha c’ukuba afise amatunga menshi adasiguritse. Kuri uno wa mbere rero niho umukuru wa sentare igwanya abafise amatunga adasiguritse (Cour de répression de l’enrichissement illicite), Henri Gregoire Diop yashikiriza urubanza rwaciriwe Wade Karim, hamwe n’icenda mubo bagirizwa icaha kimwe, bane muri abo bakaba bari hanze y’igihugu.
Karim Wade sentare yamuciriye gufungwa imyaka itandatu n’ihadabu ry’imiriyaridi 138 z’ama CFA, abo bari kumwe nabo bakaba baciriwe hagati y’imyaka itanu n’imyaka itandatu yo gupfungwa.

Ivyo rero bikaba bije gukuraho icizere ciwe cose co kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu mwaka w’2017. Ivyo bikaba kandi bibaye inyuma y’aho ku munsi wa gatandatu umugambwe PDS (Parti Démocratique Sénégalais) umutoye kugira aba ariwe azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugumu 2017.


Floxella Karire

Messages

  • Abandi nibarabire aho mugihe wakoze amanyanga gusahura nukwica nukwigira utumana dutoduto ico bivyara mugihe utagifise ubutegetsi,yemwe yemwe peter nibihweba vyiwe murarabe ico akagagazo kavyara igipfa kiburiwe ni Impongo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.