Accueil > Amakuru > Poritike > Karori Nditije arabeshuza abavuga ko bari mu myiyamamazo
Karori Nditije arabeshuza abavuga ko bari mu myiyamamazo
samedi 30 Rusama 2015
Karori Nditije ari mu barongozi b’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi,arabeshuza abavuga ko urwo runani ruriko rurakora imyiyamamazo mu gihugu hagati.
Karori Nditije avuga ko igikorwa bariko barakora bacitiranya n’imyiyamamazo kuko ataho gihuriye n’imyiyamamazo,bobo ico bakora basaba abanywanyi babo bakaja mu mihana kwereka abanyagihugu ingene amakarata y’amatora azoba ameze,n’ibimenyetso.
Nditije amenyesha ko mu kwiyamamaza abarongoye imigambwe batanga impapuro bakerekana ko batanguye kwiyamamamaza mu mirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara CEPI canke CECI mu makomine.
Avuga ko berekana umwanya babikorerako naho babikorerra,kandi bagashikiriza amajambo.Amenyesha ko abavuga ko bariko bariyamamaza atari vyo kuko yaba Rwasa Agathon canke Karori Nditije atanumwe arashikiriza ijambo ryo kwiyamamaza.
Karori Nditije yamenyesheje ko ivyabaye muri 2010 bidasa n’ibiriko biraba ubu kuko muri ico gihe amatora ya komine yarimwo abantu benshi ariko bayavuyemwo kubera ubusuma bwabaye.
Uwo ari mu ndongozi z’abigenga Amizero y’Abarundi yemeje ko batababujije kwiyamamaza ariko ivyabaye ku banywanyi babo mu Rumonge vyerekana ko badashaka ko baja mu matora.Aha Karori Nditije yavuze ko abari bajanye amakata n’ibimenyetso vyabo bafashwe n’abo mu biro bikuru vy’igendereza barabarihisha amafaranga angina n’umuriyoni.
Karori Nditije asaba abnywanyi b’urunani rw’Abigenga amizero y’Abarundi hamwe n’abakunda Uburundi bose kutaja gutora amakarata y’itora kuko ayo matora ashobora kuzanira akaga Uburundi.
Messages
30 Rusama 2015, 15:08, par Hanugwa Wumve
Nivyo Reka Petero Tumureke Agend Gutamba Yirorera:2010 N.Est Pas Egale À 2015!Arihenda Aravako Knd Atumva Atabona Pé
30 Rusama 2015, 16:12, par Iragiryagahuturemi
Ivyuvuze nikwokuri kuko umugambi niwawundi womuri 2010 mwahenda Agathon nubundi muramusubiriye rekaturindire turebe kubuhoho yokwihagarira rugabo kugirayereke abakunzibiweko adashoboraguhendwa ubugirakandi.
30 Rusama 2015, 18:38, par vuganeza
@hanurwa wumve
Ntaho aja murahumba arabatwara encore,abo bose nta bantu mufise ngo mupingane na peter!
30 Rusama 2015, 19:15, par TUYIKEZE Desire
non kwavuga kobatariko bariyamamaza ibimenyetso vyabo vyashits mubanyagihugu gute?
31 Rusama 2015, 08:00, par emma
emma
nditije umbwambere mwwaramuhenze gwasa nubu muramusubiriye ngo ntimuri mumyiyamamazo ngomuriko mutanga amakarata yogutora mbeyoyo muriko muyatangira iki kandi atamyiyamamazo murimwo jewe ndahanura gwasa arabe abobatutsi ntibongere kumuhenda nkambe
31 Rusama 2015, 13:09, par NDIKUMANA
TWOSABAKO AMIZERO YABARUNDI ATOVA MUMATORA GUKO ARIBO ABARUNDI TUZEYEKO AMASO BAKADUKURAKO OBEEL AMAKORI NUBUKENE BWUGARIJE ABARUNDI HAMWE BOYAVAMWO TWOCA TUBAVUMA GUKO BAZOBA BAHEMUKIYE ABARUNDI
1er Ruheshi 2015, 08:33, par claire
None ga Rwasa wewe uzoguma ukwepa amatora gushika ryari??? IYO POLITIQUE YAWE BARAGUHENDA UZOHAVA USANGA USIGAYE URI UMWE. NONE NKUBU IJWI NARI KUZOGUHA NZOCA NDIHA NDE????? UTANGUYE KUDUSHISHA
1er Ruheshi 2015, 16:55, par Dusabigwe
Rwasa Arakinagizwa Bagabo.Duhanz Amaso Wew. Nonuriko Urakwepa. Je Mureka Aducuranguze. Ariko Umeny Ko Charles Nahatsindwa,n’intebe Yakabiri.
1er Ruheshi 2015, 19:34, par Kriss
Rwasa nirwasa ntamuntu yitwa Rwasa yatwara igihugu
2 Ruheshi 2015, 11:54, par MASUMBUKO
Nuko nivyiz ko mwomenyesha neza naneza abantu bakorohegwa mugutor uwo bipfuza kuk ubu urabon ko umeng vyarasobany mumazina yimigambwe rero nkatwe barugur vyotugora.mr6