IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Karusi : Abantu icenda bahitanwe n’imvura y’isegenya

Karusi : Abantu icenda bahitanwe n’imvura y’isegenya

mercredi 6 Ndamukiza 2016, par egide

Abantu icenda bapfuye muri komine Gitaramuka, mu ntara ya Karusi. Indwi muribo bakubiswe n’inkuba, babiri nabo bakaba basenyukiweko n’inzu.

Mu mvura y’isengenya ivanze n’imituragaro yaguye muri iyo komine ya Gitaramuka kuri uwu wa kabiri, abo bantu uko ari icenda baguye ku misozi itandukanye igize iyo komine ya Gitaramuta.

Muri iyo mvura y’isegenya, harapfuye kandi n’inka zitandatu zakubiswe n’inkuba.

Ivyo biharuro vy’ivyononekariye muri iyo mvura ni ivy’imfatakibanza, Musitanteri wa komine Gitaramuka akamenyesha ko akigenzura ku misozi, kugira amenye ivyononekaye vyose muri rusangi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.