Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karusi: Hegitari zirenga 800 z’imirima y’umuceri zarariwe n’ibinyabwoya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Karusi: Hegitari zirenga 800 z’imirima y’umuceri zarariwe n’ibinyabwoya

Karusi: Hegitari zirenga 800 z’imirima y’umuceri zarariwe n’ibinyabwoya

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Kuva kw’igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2013,ibinyabwoya vyonona imirima vyarariye imirima ku buringanire bwa hegitari 820,mu mirima yo mu myonga 27 yo mu ntara ya Karusi.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi y’igihugu abimenyesha,komine Bugenyuzi niyo yasinzikaye cane kuko amahegitari yababa 400 ariyo yononekaye mu myonga 12,ikurikirwa na komine Gihogazi naho ivyo binyabwoya vyariye amahegitari 220 yose arahera.

Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha,izindi komine zasinzikaye cane ni komine Buhiga na komine Shombo imwe yatakaje ihegitari 150 iyindi itakaza hegitari 60.

Abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Karusi baratinya ko ivyo binyabwoya bishobora gutandukira ibindi biterwa bafatiye ku muvuduko vyariyemwo iyo mirima y’imiceri.

Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Karusi,Majambere Gustave,yamenyesheje ko umwimbu w’umuceri uzogabanukan bivuye kuri ivyo binyabwoya,agasaba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kugira babirwanye.


Mugisha Van Naris

Messages

  • Ndabaramukije,ahoromwebwe mudushikiriza aya makuru.Turasaba Umushikirangaji w’uburimyi n’ubworozi koyongarukira kur’ intara Ya Buhiga, Shombo,Bugenyuzi,nizindi... mukuduha umuti wogupompa ivyo binyabwoya,Abanyagihungu ntibacike intenge ahubwo babandaye barima kuko ivyo nibisazwe bizohera.Gusa nibaduhe imiti yo kubipoma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.