Accueil > Amagara y’abantu > Karusi : Ibitaro vy’akarorero bifise ibikoresho bihanitse
Karusi : Ibitaro vy’akarorero bifise ibikoresho bihanitse
mercredi 23 Mukakaro 2014
Ibitaro vy’akarorero bifise ibikoresho bihanitse vyaruguruwe mu ntara ya karusi, ariko bikaba bitararonka abaganga banonosoye bimwe bita aba spécialistes bashobora gukoresha ibikoresho vya karuhariwe biri muri ivyo bitaro.
Muganga Emmanuel Ngendakumana amenyesha ko ivyo bitaro bifise ibisata bitandukanye dusanzwe dusanga no ku bindi bitaro, igisata co kwakira abavyeyi, igisata co kuvura abana, igisata co kubaga n’ibindi bisata. Ariko sivyo gusa ivyo bitaro birafise kandi n’ibindi bisata bihanitse (imagerie (scanner,radiographie moderne),dyalise, stomatologie,laboratoire,n’ibindi.
Ku vyerekeye abaganga babinonosoye hari abaganga babiri gusa abo nabo ni umuganga yize ivyo kubaga hamwe n’umuganga yize kuvura indwara z’abana (pédiatrie). Ariko ivyo bitaro biracabuze muganga yanonosoye indwara z’amaso, uwanonosoye indwara z’amenyo ,uwanonosoye indwara z’amafyigo n’abandi baganga bazi kuvura indwara zitandukanye.
Kugira bashobore gukura iyo ngorane y’abaganga mu nzira, muganga arongoye intara y’ubuvuzi ya Karusi Emmanuel Ngendakumana amenyeshako yamaze kuvugana n’abasanzwe bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe no mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, kugira barabe ingene botorera umuti iyo ngorane.
Floxella Karire
Messages
23 Mukakaro 2014, 13:48, par ntiwihebure
Ego pe, ikintu ciza ntangere. Gusa abo bashinze kubitunganya no kubirongoora, tubasabe twongere tubasabire bashobore kubiteza imbere ntituzoje tubona mukanya bisigaye bisumbwa n’ivyo musi y’igiti.
23 Mukakaro 2014, 17:23, par Keza
Umutama Umwe Aturuka Mugihugu Cuburundi Yama Acirumugani Abana Biwe Ati Mukora Musenga Musenga Mukora Twesehamwe Dushize Inguvu Hamwe Ntacotunanira,raba Nawe Amashuri Amavuriro Mezameza Vyutswe,birabereye Igihugu Nabakirimwo.
23 Mukakaro 2014, 19:49, par Tallo
Rwose imana irakoze kuboma biriya bitaro bishitse iwacu ico kibazo cabaganga nti kigoye hano hanze turiho twize ibintu vyubuganga gusa ni muganire mangene twofashanya tukaza guteza imbere no gufasha benewacu nta kuraba ubwoko umugabwe twitwa umwe duheze tuvure abacu neza.murakoze.
24 Mukakaro 2014, 12:10
Kuva uburundi bwitwa uburundi nguye na bona leta yibuka karusi.
Nubwo ntaba muburundi kandi nkubure ntazonavurirwayo, ndashimye cane iyo ntambwe
24 Mukakaro 2014, 14:23, par François-Xavier
Imbonekarimwe i Burundi na Karusi yari yaranizwe.
Nta murundi w’umutima atoshima ko ivyo bitaro vyabonetse i Burundi. Dusavye rero ko bobiha abahinga bakwiye n’ibikoresho bikwiye.
11 Gitugutu 2014, 16:19, par Albert Ciza
Iyo nkuru iranezereye cane! Nanje nciye numva umuhamagaro wo kuza guterera mukubungabunga amagara y’abarundi nkanje. Mwomfasha mukampa inumero za telefone z’ivyo bitaro canke izo mu biro vy Umuyobozi w amagara y abantu muriyo ntara? Kuko ndi umuganga w amenyo ariko ndi hanze y igihugu