Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Abanyagihugu basabwa kutarenza abana batatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Abanyagihugu basabwa kutarenza abana batatu

Kayanza : Abanyagihugu basabwa kutarenza abana batatu

mercredi 28 Rusama 2014

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza bariko basabwa kuvyara abana bake, na cane cane abana bashoboye kurera, bakaraba ntibarenze batatu.

Umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza PNSR ukaba ariwo uriko urafasha muri iyo ntara mu guhimiriza abanyagihugu bo mu kayanza mu kuvyara abana batatu. Iyo ntara ya Kayanza, ikaba iza mu za mbere zifise abantu benshi, aho abantu bagera ku majana indwi, baba ku kirometero kwadarato kimwe. Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza, bakabwirwa ko isi itigera yiyongerako n’imetero n’imwe, ari naco gituma abanyagihugu bogerageza bakavyara bake, bakazoronka aho baba mu minsi.

Uwo mugambi wo guhimiriza abanyagihugu bose kugira baze baravyara batatu, ukaba ugiye kubandaniriza no muzindi ntara . Ariko mukamenya ko ari irya mbere, aho abanyagihugu b’abarundi babwirwa igitigiri batorenza mu kwibaruka.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.