IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Abayoboke ba Zebiya 200 nibo birukanywe n’ igipolisi

Kayanza : Abayoboke ba Zebiya 200 nibo birukanywe n’ igipolisi

mardi 13 Myandagaro 2013

Abantu bagera ku 200 bayoboka wa mwigeme Zebiya Ngendakumana nibo bazindukiye muri komine Gahombo mu ntara ya kayanza aho baciye birukanwa n’abapolisi mu gatondo ko kuri uno wa 1 igenekere 3 zo rya 12 Myandagaro 2013.

Hari mu gihe bariko barondera kwinjira i Businde, aho basanzwe basengera, hakaba haheze ukwezi kumwe hahinduwe n’ ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, ikibanza co kwigisha no kugira imyimenyerezo ya gisirikare. Igipolisi co ngaho mu Kayanza kikaba cahagaritse izo ngenzi ku kiraro ‘’Ngabwe ‘’ ku birometero 8 uva aho i Businde. Benshi muribo bari abana b‘abakobwa imbere y’uko bataha, 50 muri bo bakaba babanje kwegeranirizwa hamwe ,baca babanza kugirana ibiganiro n’umukomiseri w ‘igipolisi ngaho mu ntara ya kayanza.

Bamwe muri bo bakaba bamenyesheje ko bari baje gusenga Imana ngaho nyene i Businde kuko ngo niho batabikora baca barwara, abandi nabo ngo bacabaterwa n’amashetani bakaba baciye basaba abategetsi ba kino gihugu c’uburundi ko bobasengera. Uwo mu komiseri akaba yabahanuye ko batosubira ngaho i Businde. Abayoboke ba Zebiya bagabishijwe kutazosubira aho i Businde benshi muri bo bava mu ntara za Ngozi, Bururi, Mwaro hamwe n’intara ya Bujumbura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.