Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Umukuru w’umutumba Karehe yabogojwe abanyagihugu basemerera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Umukuru w’umutumba Karehe yabogojwe abanyagihugu basemerera

Kayanza : Umukuru w’umutumba Karehe yabogojwe abanyagihugu basemerera

jeudi 13 Ruheshi 2013

Ku va mu mwaka w’2005, aho hatanguriye intwaro mu Burundi ko abanyagihugu bose barongorwa n’abo bitoreye cane cane mu nzego zo hasi, abo nyene ntibakunzwe koroherwa n’abatware babo, kuko bababogoza atacamira n’aho abo banyagihugu nyene babatoye boba bakibafitiye icizere.

Ivyo rero biramaze iminsi vyibonekeza muri iki kiringo ca kabiri umugambwe CNDD-FDD usubiye kwizerwa n’abanyagihugu, ko bamwe mu barongoye amakomine bagiye barabogozwa, bamwe bakagirizwa ko badashoboye amabanga yo kurongora amakomine, abandi ico bakuriwe ntikimenyekane neza, ndetse hari n’abandi babogozwa kubera ukwigenza nabi mu banyagihugu, ivyo rero bikaba ari vyiza kuko iyo umuntu atagishoboye kwubahiriza abo arongoye, vyiza yotanga imihoho kare canke akabogoza mu maguru masha ndetse bigaheza bikabera n’akarorero abandi baba bigenza nkawe,agaheza agakurwa atarahahamura abo yarashinzwe guha ituze.

Ariko rero, hari n’abandi babogozwa ivyabo bikaba nk’akamizwe n’ingoma, abo nabo ni abakuru b’imitumba, canke bamwe mubo basangiye igikorwa co kurongora imitumba. Abo barabogozwa na ba musitanteri uko bashatse, ndetse muri abo bakuru b’imitumba hari n’abo usanga bakurwa abanyagihugu basemerera, bati nyabuna uyo mutegetsi wacu niwe dushaka, aha twotanga akarorero ka Gahungu Gaston yari umukuru w’umusozi Songa muri komine Gitega, yakuwe abanyagihugu basemerera.

Ubu naho ikurwa ry’umukuru w’umusozi Karehe muri komine Rango mu ntara ya Kayanza, ntiryanyuze abanyagihugu yahora arongoye, ndetse bo bagasaba musitanteri ko yomusubizaho mu maguru masha. Ivyo rero musitanteri wa komine Rango ntavyerekwa kuko yagiriza umukuru w’umutumba ko atavyo ashoboye kubera amabanga menshi asanzwe afise, harimwo kuba ari umwigisha w’indimo ku musozi wa Karehe nyene muri komine Rango intara ya Kayanza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.