Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Umushikiranganji Nduwimana yarishikiye kuraba ivyahitanywe (...)
Kayanza : Umushikiranganji Nduwimana yarishikiye kuraba ivyahitanywe n’igiguhusi
jeudi 31 Nzero 2013
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu Edouard Nduwimana,arikumwe na mugeziwe w’intwaro ibereye Issa Ngengakumana barishikiye kuraba ingene imvura y’igihuhusi yabiciye bigacika muri iyo ntara nk’uko bishikirizwa na bagenzi bacu ba RTBN.
Iyo mvura ikaba yatumye abateshejwe izabo baba benshi kuko amazu menshi yasambutse ivyobakoresha vyose navyo bigatikira,ikitavuzwe co ni imirima.
Edouard Nduwimana yari yaserukiye Leta muri iyo ntara kuraba iko vyifashe,akaba yasavye abarongoye abandi muri iyo ntara ko bogira urutonde rw’abasamburiwe n’iyo mvura kugurango babafashe.
Akaba yaboneyeho gutera akamo abandi banyagihugu bo muri iyo ntara batashikiwe n’ivyago gufasha benewabo,ndetse n’abarundi baba muzindi ntara ako kamo kakaba kabaraba.
Tubibutse ko iyo segenya yaguye mu ntara ya Kayanza yahitanye amazu menshi ,amasengero,hakaba hari n’abantu bakubiswe n’inkuba.
Marie Claire Ingabire