IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayokwe : Umunanasi uracibonekeza ku misozi imwe imwe

Kayokwe : Umunanasi uracibonekeza ku misozi imwe imwe

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Umunanasi ni inzoga iri mu zituma umutekano uhungabana muri komine ya Kayokwe, nk’uko bivugwa na musitanteri w’iyo komine.

Ku bwa Sylvie Nizigiyimana, musitanteri w’iyo komine, izo nzoga zisanzwe zitemewe n’amategeko ziragisibije mu gihe zituma hibonekeza ubusuma, ubuhumbu n’umutekano muke. Avuga ko bamwe mu badandaza bibwa, ariko mu kubirwanya, akavuga ko hakorwa inama n’abarongoye imitumba. Avuga ko uretse utwo tugorane duterwa n’abo bihereza izo nzoga zisanzwe zarabujijwe, hamwe n’abo basuma ahandi ho, umutekano wifashe neza.

Haba mu nama y’umutekano canke mu nama n’abarongoye imisozi igize komine ya Kayokwe, Sylvie Nizigiyimana arongoye komine ya Kayokwe mu ntara ya Mwaro, avuga ko bakora ku buryo botuza ubwo buhumbu bwose butegwa n’iyo nzoga, co kimwe n’ukuyirandurana n’imizi. Imitumba rero ikidandarizwamwo iyo nzoga hamwe n’abayinywa, bakaba bacibonekeza muri iyo komine nk’uko vyemezwa na musitanteri.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.