Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abagabo bemerewe kwubakana n’abagore benshi
Kenya : Abagabo bemerewe kwubakana n’abagore benshi
samedi 22 Ntwarante 2014
Mu gihugu ca Kenya, inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko ku bubakanye, umugambi wemerera abagabo kwongereza igitigiri c’abagore bose bipfuza kubana, n’aho batorinda kubaza abagore basanzwe bafise.
Abashingamateka b’abagore basohotse mu nama nshingamateka biyamiriza iryo tegeko ritanga uburenganzira ku bagabo bwo kwubakana n’abagore benshi, kandi ubwa mbere itegeko ryari rihari ryavuga ko abagabo bobanza kubaza abagore babo ico bavyiyumvirako. N’aho ubu abagabo batazohanuza abagore babo, bisabwa gusa ko umugabo yandikisha umugore wese azoba yiyongeye, kandi uwo mugore ntabe ari munsi y’imyaka cumu n’umunani.
Mwomenya ko ivyari mw’itegeko ryahahora, bivuga ko abagore bafise uburenganzira bungana n’ubwa bagabo mu kugabura amazu bishitse bagatandukana, ubwo burenganzira bwangana n’ubw’abagabo bwagabanijwe.
Egide Nduwimana
Messages
22 Ntwarante 2014, 16:34, par NDIHOKUBWAYO CLAUDE
ISI IRASHAJE IYO NI ANTI KRIST YIGENDERA.
23 Ntwarante 2014, 18:23, par Kirinyota
None abagore nabo mwomenya bashobora kuzana abagabo bashaka? Atari uko n’akarenganyo.
24 Ntwarante 2014, 08:49, par bizazbagaruka aug.
nakera bvahozeho.
24 Ntwarante 2014, 17:07, par Kevin
Abakobwa bari benshi,ngirango bazokwigwa n’abagabo!