Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abagabo basabwe kutarangurana amabanga n’abagore babo
Kenya : Abagabo basabwe kutarangurana amabanga n’abagore babo
jeudi 13 Munyonyo 2014
Ishirahamwe riharanbira agateka k’abagabo muri kenya "Maendeleo ya wanaume" ryasavye abagabo bo mu gihugu cose kutaryamana n’abagore babo.
Iryo shirahamwe rero riharanira agateka k’abagabo aho muri ico gihugu rikaba rivuga ko agateka k’abagabo kaguma gahonyangwa mu ntumbero yo gushira abagore imbere. Mu gihe abo bagabo bamenyesha ko uyu munsi ari uwo guharanira agateka kabo, basaba abagabo bose, kutarangura amabanga y’abubatse n’abagore babo, mu gihe baza kuba bariko barahimbaza uwu munsi.
Mukamenya ko amwe mu bagabo bavuga ko bafise amagorwa mu ngo, abandi barakubaurwa, abandi bakirukanwa canke bakimwa imfungurwa, eka hakaba n’abavuga ko bataba bagikika urubavu hamwe n’abakenyezi babo. Ivyo vyose, abagabo bahurikiye muri iryo shirahamwe bakavuga ko batumvirizwa, ariko hakama hashirwa imbere amabi akorerwa abagore gusa.
Aristide Nizigire
Messages
13 Munyonyo 2014, 14:46, par Butame
No mu Burundi abagabo ntibumvirizwa kumwe n’abagore,kandi ayo mabi abo bagabo b’aba nya Kenya bagirirwa n’abagore be n’amategeko,abagabo bamwe b’i Burundi barageramiwe nayo.Ahubwoabagabomwesenimwifatanyenaboba Kenya uno musi,yamara abarundi baragoye nibo bashinga amategeko yogucinyiz abagabo nkabo kandi barawukunda caane!
13 Munyonyo 2014, 20:09, par Nimubona Libre
Abagabo mu burundi sinko muri kenya kuko canecane nk’abagore b’abarimyi bobo nta jambo bafise nkiyo abagabo biviriye mukabarre bashika babakangagura kandi nogukora bataba bajanye,muri birakomeye pe ariko mu burundi ntiharagera
14 Munyonyo 2014, 16:11, par YAKUMBA
BACUMUGANI NGO UWUTARABUROGWA, AVUGANGO NOBUNYA.kuwo bitarashikira biroroshe kuvuga NABAGABO BOMUBURUNDI TWASHIKIRIWE AMATEGEKO AHARI ASHIGIKIRA CANE ABAGORE ABAGABO BAMWEBAMWE BARAGOWE. KUKO BAMWE BASIGAYE BAHUKANIRA MUGITANDA CANKE MUNZU KUKWANKA GUTAKAZA AGACIRO AGAPFANINTUNU UMUGORE UMUBONA NGAHO .WAHAME IGIHANO. nongahiwacu muburundi. harakwiye kuza iryoshirahamwe tukaryitura mubijanye nimibano yingo
5 Ndamukiza 2016, 11:26, par Danier
Jewe.Icombona Nuko Hoba Umwumvikano Hagati Yabagabo Nabagore Kuko Tuzi Neza Ko Atamwana Nikinono Abagabo.Bagakunda Abagore Babo.Nabagore.Nabo.Bakubaha Abagabo Babo