Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abajejwe umutekano bikeka ibitero vy’abihevyi mu nkino z’igikombe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abajejwe umutekano bikeka ibitero vy’abihevyi mu nkino z’igikombe (...)

Kenya : Abajejwe umutekano bikeka ibitero vy’abihevyi mu nkino z’igikombe c’isi yose

jeudi 12 Ruheshi 2014

Abategetsi ba Kenya bafashe ingingo yo kwongereza umutekano muri kino gihe c’inkino z’igikombe c’isi yose, mu ntumbero yo gukingira abakunzi b’umupira w’amaguru baba bari mu bibanza bitandukanye.

Umugenduzi mukuru mu gipolisi ca Kenya, David Kimaiyo yamenyesheje ko ibitero biheruka mu bisagara vya Nairobi muri Kenya, Mombassa hamwe n’ibitero biheruka kuba mu gihugu ca Ouganda, vyose hamwe vyari bigamije gutera abakunzi b’umupira w’amaguru baba bakoraniye hamwe. Yasavye abategesti bo ngaho muri Kenya kwongereza umutekano w’igihugu.
"Igipolisi gishaka kumenyesha abanyagihugu ko twashizeho ingingo zose zishoboka, mu gukingira umutekano, kugira ngo abazoba bariko baraba izo nkino mu bibanza bitandukanye, yaba mu bunywero canke ibindi bibanza, bazorabe mu mutekano ntangere."

Ariko rero, mu gipolisi basavye abantu bose bafise mwene za nyubakwa zihuriramwo abantu benshi baje kwidagadura ko boraba neza ko bashizeho ingingo zishoboka mu gucungera umutekano kugira umuntu wese mu kwinjira abanze gusakwa neza. Umukuru w’igipolisi yahamagariye abanyagihugu kurikanura nabo nyene bagateramira umutekano wabo, mu kwirinda kunywa inzoga nyinshi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.