Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abantu 11 bapfuye bahitanywe n’ibisasu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Abantu 11 bapfuye bahitanywe n’ibisasu

Kenya: Abantu 11 bapfuye bahitanywe n’ibisasu

mercredi 8 Mukakaro 2015

Abantu cumi n’umwe bapfuye bahitanywe n’ibisasu vyaturikiye mu buraruko bw’igihugu ca Kenya.

Abapfuye bikekwa ko bari abakozi bo mu kibanza gicukurwamwo amabuye y’agaciro mu karere ka Mandera,mu buraruko bwa Kenya.Ababa aho mu gace ka Mandera bavuze ko bumvise ibintu 2 biturika, bikurikirwa n’urwamo rwinshi rw’amasasu.

Nko ku metero 300, hafi y’ahabereye ico gitero hasanzwe hasanzwe hari ikambi y’igisirikare.Gushika ubu nta n’umwe ariyitirira ico gitero.Ariko ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Kenya vyikeka ko ari umurwi Al shabab woba wakoze ico gitero uvuye hanze y’urubibe Kenya ihana n’igihugu ca Somaliya.

Igitero nk’ico cakozwe mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, cahitanye abantu barenga 36 aho mu karere ka Mandera nyene.


Van Naris Mugisha

Messages

  • emma

    mwaba shababumwe ntakindi gisigaye atarumuriro uzova mwijuru murica mudaharuye, muramenyako ubwo arubwoko bwimana kandi namwe naho mwiyita ivyihebe mumenyeko mwaremwe nimana yaremye abandi bose ntimwavuye mukuzimu impera nimperuka muzoyibona!!!

  • Emwe ababurasibak zimwemungabozuburund nuko.ntakund imanibakir ariko abakora iryobar bamyeko imana yamazkubameny.

  • Mana.We.Ee.Tabarara.Afika.Irarushe.

  • mana.tabara isi kuko.irimwo ivyahavyishi none.nkiyo arishababu.yipfuza.iki?konumva.iguma yica abantu.bashaka gushika kuki.yamara.abarundi.bacu.yishe.imana.izobahana.

  • mana we garukira abarund kuko bararushe.mwebwe ni mubivemwo uwabikoze agatanga izompuzu amaramare ahandiho amaraso yabarundi aguma aseseka azobazwa uwo wese yanse gufasha kandi yarabishoye.

  • Imana.Nidufashe,tuzoshike,amahoro,mubwami,bwayo,none Gayemwe,abantu,bica,bagenzi,babo,aho,barazi Ko,umus’umwe,bazovyishura?

  • Mana Biratey Umubabaro Kwica Umuntu Utaremye Utigez Ubona Niyo Yamvuye?Mbes Weho Usiganje Imyaka Ingahe? Burya Rero Ntimwbaz Yuko Ahakw6 Ari Iwaco Aha Turi Ingenzi!!Knd Tuhaca Duhta Iwacu Ni Mwijuru!Kumbura Mutikebuka Kuko Igih Kirarangiye!Ntimubibonamw Mwidibamiy Muvyi6,ariko Mwohndura Vyo Nezera Rusumba Vyose,nimba Mwumvs Impanuro Yanje?Twes Tumvuge Ngo Ndagushma Mana!!!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.