Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abantu 147 bapfiriye muri kaminuza y’i Garissa
Kenya : Abantu 147 bapfiriye muri kaminuza y’i Garissa
vendredi 3 Ndamukiza 2015
Igitigiri c’abishwe muri kaminuza ya Garissa mu gihugu ca Kenya kiguma ciyongera, aho bivugwa ko abanyeshure bagera kw’147 aribo bahasize ubuzima, mu gitero cagizwe n’abihevye ba al shabab.
Amasaha agera kuri 16 intagondwa za al shabab ziriko zirarasa muri iyo kaminuza, zikaba zafashe impiri abantu batari bake, bamwe bagandagurwa bunyamaswa, abandi nabo barakomereka, aho bivugwa ko indwi bababaye cane aho bariko baravurizwa mu bitaro. Iyo kaminuza isanzwe iri ku birometero 150 vy’urubibe rwa Somaliya na Kenya, higa abanyeshure 815, abatari bake bakaba bari basanzwe baba mu bigo vy’iyo kaminuza.
Mukamenye ko Reta ya Kenya kuri uyu wa kane yavuga ko hapfuye abantu babiri gusa, mu basanzwe bajejwe umutekano w’ubwinjiriro bw’iyo kaminuza. Kuva aho igihugu ca Kenya gitanguriye gufashanya n’ibindi bihugu vya Afrika mu kurwanya iterabwoba mu gihugu ca Somaliya, ico gihugu kikaba kimaze kugirwako ibitero akatari gake n’izo nkozi z’ikibi, kandi ivyo bitero bigahitana abantu.
Aristide Nizigire
Messages
3 Ndamukiza 2015, 17:53, par Muhengenyuzi
Kenya niyegere ibindi bihugu bikome muvyagisirikare bigiswe gucungera umutekana. Kaminuza ikabura ikambi yagisirikare ihacunga..! Kenya niyegere ibindi bihugu bikome muvyagisirikare bigiswe gucungera umutekana. Kaminuza ikabura ikambi yagisirikare ihacunga..! Fake
3 Ndamukiza 2015, 23:08, par john mb
Amna akili kwa sababu amjuwi duniya inaenda aje.lakini nisawa nyinyi ndo wasomi.mujuwe mungu yupo namajeshi yakushinda ayo yenu na ni wislam
4 Ndamukiza 2015, 18:29, par Tuumba
Jewe nama nvuga iryo dini rya ba Islaam wapi kweriiiiiiiiiiiii none nkabo ngo bashigikiye Allah wapi iryo dini ryigisha kwica gusaaa
5 Ndamukiza 2015, 10:44, par landry
Ubwo mu. Burundi ntibizoshik
6 Ndamukiza 2015, 22:35, par CLOVIS
BIRABABAJ GUPFA URI INZIRAKARENGANE
7 Ndamukiza 2015, 09:23, par Audace
Imana Nihoze Imibabaro Ababuriye Ababo Murivyo Vyago!!
19 Ndamukiza 2015, 11:44, par giricutinya
nihatari mukomezegusenga umwumwe wese ahari bizohera bavuga bati ntanvura idahita