Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abantu indwi bagandaguwe na el shabab - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Abantu indwi bagandaguwe na el shabab

Kenya : Abantu indwi bagandaguwe na el shabab

lundi 21 Mukakaro 2014

Intagondwa z’umuhari wa el shabab zasubiye kwemanga igitero zagize ku muduga wari utwaye ingenzi mu gihugu ca Kenya, aho abantu bagera ku ndwi bitavye Imana.

Abantu bitwaje ibirwanisho kandi bambaye impuzu za gisirikare, akaba aribo bateye iyo modokari babanje kuyirasa i Witu hafi y’igisagara ca Mombasa. Aho hantu izo ntagondwa zitwaza amategeko akaze y’idi rya Islam barasiye abo banyagihugu, akaba ari nko ku birometero ijana vy’urubibe Kenya ihana n’igihugu ca Somaliya. Akogace rero kaba koba ubu karimwo imirwi y’abarwanyi bitwaza inkoho, kandi bo mu muhari wa el shabab.

Kugeza ubu, igihugu ca Kenya kikaba kiriko kirasohora abasirikare benshi baja muri ako gace, kugira bashobore gutuza iyo mirwi iguma itera abanyagihugu. Igihugu ca Kenya kikaba kimaze iminsi cabaye ikirimbiro ry’abo barwanyi, aho izo nkozi z’ikibi zagiriza ico gihugu kuba cagiye gufashanya n’ibindi bihugu vyo muri Afrika, gutuza abarwanyi ba el shabab mu gihugu ca Somaliya.


Aristide Nizigire

Messages

  • je nibaza ko abo ba el shababu.kobazoteba bakemera ibiganiro.kuko hari ibihangange twumva kuma radio ariko bafashwe eka mbere benshi barapfa.kuko iy,isi twayisanze uku kandi tuzoyisiga aha.sans exeption

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.