Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abanyagihugu bazindukiye mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Abanyagihugu bazindukiye mu myiyerekano

Kenya: Abanyagihugu bazindukiye mu myiyerekano

mercredi 12 Ruheshi 2013

Abanyagihugu bo muri Kenya batari bake bazindukiye mu myiyerekano imbere y’inama nshingamateka biyamiriza abashingamateka ko « ataco bamaze » atari ukwidugiriza imishahara kandi ariho bagitorwa. Ivyo bikaba vyabaye uno musi kuwa kabiri igenekerezo rya 11 Ruheshi 2013.

Ishirahamwe « Occupez le Parlement », ryabaye irya kabiri mu kwiyamamaza biyamiriza ivyo abashingamateka bakoze. Imyiyerekano ya mbere ikaba yari yatunganijwe hagati mu kwezi kwa Rusama, abari mu myiyamamazo bazanye ingurube zibona n’amaritiro y’amaraso y’ibitungwa bitari bike bari basheshe mw’ibarabara.

Kuri uyu wa kabiri bakaba bari basubiriye gusesa amaraso y’ibitungwa kw’ibarabara riri hafi y’inyubakwa y’inama nshingamateka. Abari mu myiyamamazo bari bitwaje inzandiko zituka abashingamateka. Ababiteguye bakaba barakurikiranywe kuva ku myiyamamazo ya mbere ku bubegito bwakorewe ivyo bitungwa.

Abashingamateka bo muri Kenya bari muba mbere bahembwa neza ntibarihe n’ikori mu mugabane wose wa Afrika. Ariko igitangaje n’uko bashaka kwiyongereza umushahara w’amafaranga agera 300 000 y’amashilingi, angana n’imiriyoni 2 600 y’amanyaburaya kugira bagaruke ku mafaranga y’abashingamateka bari batowe imbere yabo. Ayo nayo akaba agera ku mashilingi 851000, ni ukuvuga incuro 90 y’umushahara utangwa muri Kenya ku bandi bakozi ba Leta.

Urwego rujejwe kuraba ivy’imishahara n’agahembo, igisata ca Leta cigenga kijejwe kuraba ivy’imishahara y’abakozi ba Leta barafashe ingingo yo kugabanya imisharaha kuri abo bashingamateka bashasha baheruka gutorwa mu kwezi kwa Ntwarante. Ubu abashingamateka bakaba bagera kw’ijana na mirongo ibiri n’umunani. Ico gitigiri kirusha icahahora.

Bimwe mu vyari vyanditswe ku vyapa bari baje bitwaje bavuga bati : «Fashe abo bikenewe, mureke abo ataco bimaze », « Nimwidugiriza imishihara, ntakori rizosubira kurihwa », « Abigisha, abanganga, abapolisi n’abavuzi bahembwa intica ntikize ariko abashingamateka bakadugirizwa imishara».

Ivyo vyapa bikagaragaza akababaro abanyagihugu bo muri Kenya bafise, bakavuga ko ivyo bintu atawobisabirako.

Kubwa Yash Pal Ghai, umuhinga mu bijanye n’amategeko nshingiro yari mubiyamamaje, abashingamateka ntiboroheje ibwirizwa nshingiro rishasha mu gihe abanyagihugu bo muri Kenya batari bake bugarijwe n’ubukene n’amadeni badashobora kuvamwo, akavuga kandi ko iyo mishahara y’abashingamateka igiye gusongera isibe.

Mukamenya ko abapolisi bari babonetse ari benshi bikingiye n’inkinzo, bakikuje inama nshingamateka mu gisagara ca Kenya. Imyiyamamazo ikaba yabaye mu mutekano ntangere.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.