Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abaporisi 302 birukanywe mu kazi
Kenya : Abaporisi 302 birukanywe mu kazi
vendredi 10 Ruheshi 2016, par
Abaporisi 302 birukanywe mu kazi muri Kenya bazira ko banse gukorwako iperereza rijanye n’ivyaha vya ruswa kuva umugambi wo kuyirwanya utanguye mu mwaka wa 2013 muri ico gihugu.
Vyemejwe n’akanama gashinzwe ibikorwa vy’igiporisi mu gihugu ca Kenya, kakaba katangaje ko ingingo yo kwirukana abo baporisi yafatiwe mu nama y’ubutegetsi yabaye kwa 7 Ruheshi 2016, inyuma yo kugaragaza ko banse gukorwako iperereza.
Iryo perereza rikorwa mu mugambi wa Reta imbere y’ibikoresho bifata amashusho (cameras), aho abaporisi babazwa ivyerekeye amatunga yabo hamwe n’amafaranga bafise.
Johnston Kavuludi, umukuru w’ako kanama yagize ati : ″Mu birukanywe harimwo abanse gukorwako iperereza, abananiwe n’ukwishikana bonyene, abasuzuguye akanama gashinzwe ibikorwa vy’igiporisi banka kwitaba terefone, hamwe n’abatari bwatange inyandiko za ngombwa.”
- Johnston Kavuludi (i buryo), umukuru w’akanama gashinzwe ibikorwa vy’igiporisi muri Kenya
Ikinyamakuru Daily Nation canditse ko ibikorwa vyo gukora iperereza ku baporisi vyatanguye mu myaka itatu iheze. Benshi bagiye basangwa barariye ruswa, badashoboye canke barananiwe kwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu mu kazi kabo, abo bakaba barirukanwe.
Iryo perereza rigamije gutuma abanyagihugu basubira kugarura icizere ku bikorwa vy’igiporisi gisanzwe gifise igikorwa c’ukubarinda hamwe n’amatunga yabo, mbere n’ukwubahiriza ivyo amategeko ategekanya.
IGIHE
Messages
10 Ruheshi 2016, 12:53, par SIBOMANA
NAGIRA NIMUBUNDI GUSA NAHANDI BIRASOBOKA ? ABARUNDI BOBAMENYE BABIHA ISIGURO YAPORITIKE SINZI KOBIBAZA KWARI MWIJURU BADACUMURA UWUKOSEJE MWIRUKANE NIHO NABANDI BOGIRA INDERO BAKAGIRA ICOBATINYA
11 Ruheshi 2016, 11:08, par eric
Muburundi nuvuge vyiburundi kuko Muburundi nibarirukana abapolice kubera igiturire cangwe kutarinda abanyahihugu namatungo yabo
12 Ruheshi 2016, 08:56, par AREGISI
NTAKAZIKATAGIRIGITURIRENIMUREKEGUHUMAMASAMAKUNGU .IGITURIREMURAGITORANIMUREKUDUHENDA