Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abaroberi barashe abakirisu bari mu rusengero
Kenya : Abaroberi barashe abakirisu bari mu rusengero
lundi 24 Ntwarante 2014
Mu gisagara ca Mombasa kiri mu buseruko bw’igihugu ca Kenya, abaroberi bararashe abakirisu bariko barasengera mu rusengero "Joy". Batatu muri abo bakirisu bakaba baciye bahasiga ubuzima, abarenga kuri cumi nabo barakomereka.
Mu gihe hari haciye indwi muri Kenya havugizwe amakuru ko hashobora kuba ibitero vy’abihevyi mu gihugu, abakora bene ivyo bitero kuri uwu w’Imana wa 23 Ntwarante 2014 bararashe abakirisu bariko basenga mu rusengero rwitiriwe "Joy".
Robert Mureithi afise ipete rya commandant mu giporisi co mu gisagara ca Mombasa amenyesha ko abo bagizi ba nabi binjiye giturumbuka mu rusengero, baca batangura kurasa mu kivunga ishengero ryari rikoranye, ririko rirasenga. Abakirisu batatu harimwo n’uwahora acungera umutegetsi yasengera muri urwo rusengo rwatewe, bakaba baciye bahasiga ubuzima ubwo nyene, n’abarenga kuri cumi bakomeretse.
Bamwe mu bakirisu bari aho bari babonye abo bagizi ba nabi, bakavuga ko bari baje bigira nk’abakirisu mu bandi, imbere y’uko batangura kurasa abantu.
Henry Ondiel, umukuru w’igiporisi c’inyamiramabim i Mombasa amenyesha ko gushika ubu abagize ico gitero bataramenyekana, ariko ko amatohoza ariko arakorwa.
Mwomenya ko mu ndwi iheze, igiporisi cashoboye gufata ama bombe yari yatezwe n’aba shebab, hagati mu gisagara ca Mombasa. Kuva ico gihe mbere, Reta ya Kenya ikaba yaciye ihamagarira abajejwe umutekano ko borikanura, barinde abanyagihugu ivyo bitero, cane cane ahantu hasanzwe hahurira abantu benshi.
Mariella Bukuru