Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baciriye mw’ijambo umukuru (...)
Kenya : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baciriye mw’ijambo umukuru w’igihugu
vendredi 1er Ndamukiza 2016, par
Abashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya bavugirije induru umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, mu gihe yariko ashikiriza ijambo abwira abanyagihugu uko igihugu cifashe muri kino gihe.
Abo bashingamateka batanguye kuvugiriza urwamo umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, mu gihe yari agitangura kuvuga.
Imbere bagira iyo nyifato, bari bagabishije ko bazocira mw’ijambo umukuru w’igihugu, kugira biyamirize ukuntu Reta ya kenya yananiwe kurwanya igiturire cabaye ndanse muri ico gihugu.
Ibiro vy’inama nshingamateka ya Kenya muri ako kanya vyaciye bifata ingingo y’ugusohora ku nguvu abashingamateka indwi muri abo bariko bacira mw’ijambo umukuru w’igihugu, ariko iryo jambo rikaba ryacerewe iminota 30 yose.
BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko iryo jambo umukuru w’igihugu ashikiriza uko umwaka utashe rikomeye cane, kuko ariho Reta imenyesha imigambi ifitiye abanyagihugu.
Mu gihe mu gihugu ca Kenya havugwa igiturire gikomeye, muri iryo jambo yashikirije, umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yiyemeje kurwanya ico giturire yivuye inyuma, yemerera abanyagihugu ko ubutunzi bwa Kenya bugiye kwiyongerako ibice bitandatu kw’ijana muri uwu mwaka w’2016.
IGIHE
Messages
2 Ndamukiza 2016, 20:58, par Venuste Nsengimana
Abobashingamateka Nibace Bafutwa Munama Nshingamateka Yakenya Kuko Ntibisonera!! Ntamuntu Acamwijambo Ryumukuru Wigihugu Babahane!!!
5 Ndamukiza 2016, 19:28, par Elias
Babahane,babikurir,ikott.,-uwomukuruwig,hg.Atabahanye,yocatahakwotanan !Umugor
5 Ndamukiza 2016, 19:30, par Elias
Babahane,babikurir,ikott.,-uwomukuruwig,hg.Atabahanye,yocatahakwotanan !Umugor