Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya Airways yasubiye gukora ingendo muri Sierra Leone - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya Airways yasubiye gukora ingendo muri Sierra Leone

Kenya Airways yasubiye gukora ingendo muri Sierra Leone

jeudi 4 Ruheshi 2015

Inyuma y’aho hibonekereje indwara ya Ebola mu gihugu ca Sierra Leone, Indege y’ikompanyi Kenya Airways yasubiye kurwa ku kibuga c’indege c’ico gihugu.

Ibaye indege ya mbere yo mu bindi bihugu isubiye gukora ingendo ija mu gihugu ca Sierra Leone,co kimwe n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero yabonetsemwo ikiza c’indwara ya Ebola.

Indege za Brussels Airlines yo mu Bubirigi na Royal Air yo mu gihugu ca Maroc,nazo zahagaritse ingendo muri ivyo bihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero igihe ico kiza catangura kuboneka

Indege y’abafaransa Air France nayo bitegekanijwe ko izosubira gukora ingendo mu gihugu ca Sierra Leone mu mpera z’uku kwezi kwa gatandatu.

Ingendo zija muri Liberia zo zatanguye gukorwa mu ndwi zibiri ziheze, kuva aho ico gihugu gitangarije ko ata Ebola icibonekeza muri co.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.