Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya:Al Shabab yasubiye kugira igitero gihitana abasirikare (...)
Kenya:Al Shabab yasubiye kugira igitero gihitana abasirikare babiri
lundi 15 Ruheshi 2015
Umuhari w’iterabwoba wa Al Shabaab wakoze igitero kw’ikambi y’abasirikare mu gihugu ca Kenya,mu karere ka Lamu kari ku nkengera y’ibahari.
Nk’uko amakuru dukesha urubuga rwa BBC,abasirikare 2 ba Kenya hamwe n’abari mu muhari wa Al Shabab 11nibo bapfuye bahitanywe n’ico gitero.
Abo barwanyi b’umuhari Al Shabab bo muri Somaliya,bateye kandi ivuriro hamwe n’ishuri.
Abarwanyi ba Al Shabab bategetse abantu bari mu musigiti gusenga kwumviriza ubutumwa bwabo bigisha. Umuhari Al Shabaab uvuga ko wakoze ibitero 4 muri Kenya mu masaha 24 aheze.
Muri ivyo bitero,bibiri vyakozwe ku nkengera z’ikiyaga, ibindi bibiri bikorwa mu burengero bushira ubuseruko.
Ikindi gitero caheruka kuba mu gihugu ca Kenya,kw’ishuri kaminuza rya Garissa.
Messages
15 Ruheshi 2015, 19:48, par Bosco Yohana
Imana Izohava Iheba Afrika Turabicanyi Babi Jewe Mbona Koboreka Kwicana Nimba Bagombo Kuja Mw Ijuru Bosco
17 Ruheshi 2015, 07:47, par DIJYE ENOK
AMAREMBO
17 Ruheshi 2015, 07:48, par DIJYE ENOK
AMAREMBO
17 Ruheshi 2015, 08:41, par Nzambimana.Prosper
Kuberiki.Abaereshababu.batohagarika.Ibitero
18 Ruheshi 2015, 10:11, par mutabazi willy burundi
mbenontakuntu igisirikare cohagararaneza kumbibe none bacahe mukwinjira?
18 Ruheshi 2015, 16:30, par muremesha amahoro
al shabab nimurek guhonya abantu mw’itwaza idini ahubwo muvug ivyo mukeney nimba ar’ubutegetsi cank ubutungan babubah,murek kugora ONU na Afrika kuko inzara iratumaz n’ubukene,mb mwiyumvirako ba so cank ba nyoko babavyay mutariko murabagwaza ingwara z’umutima kuki muberekako muri amashetani ko tuzi ayiganjij yose yaneshejw,akarorero raba hitler,stanline mu burusiya,sadaam,bagbo,ben laden n’abandi