Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Bamwe mu bagandaguriwe i Garissa bashinguwe
Kenya : Bamwe mu bagandaguriwe i Garissa bashinguwe
vendredi 10 Ndamukiza 2015
Bamwe mu baherutse kurwa mu gitero mu gihugu ca Kenya bashinguranywe iteka mu gihugu ca Kenya.
Amasandugu agera kuri 20 akaba ariyo yari arindiriye gushirwamwo ibiziga vy’abahitanywe n’intagondwa z’umuhari wa al shabab, aho bari mu buruhukiro, muri bimwe mu bitaro vy’i Nairobi. Abatandukanye mu baburiye ababo muri ico gitero cabaye kuri uyu wa kabiri Ndamukiza, bakaba bari baje gutora ababo kugira baje kubashingurana iteka mu bibanza bitandukanye.
Umukuru w’igihugu ca Kenya Jomo Kenyatta akaba yari yandikiye imiryango yose yari yabuze ababo, aho mu butumwa yarungikiye umwe wese, yabasavye kwihangana, aca anagirako avuga ko igihugu kitazigera cibagira inzirakarengane zishwe n’abo bicanyi, ko kandi igihugu kitazigera kirekurira abo bakozi b’ikibi. Mukamenya ko mu myiyerekano yagizwe n’abanyeshure bo mu makaminuza atandukanye, basavye ko umutekano wocungerwa rwose, nayo ababuze ababo, Reta ikabaha inshumbusho, kuko abasoda batevye kuza gutabara.
Aristide Nizigire
Messages
10 Ndamukiza 2015, 21:08, par J.MARIE
NYEREKA IFOTO ZABOBANTU
13 Ndamukiza 2015, 08:58, par Minani evariste
Imana niyakire izonzira karengane mubwami bwayo abo bicanyi nabo shetani irabategereje ,imiryango yabuze nayo niyihangane kuko ntakiba kumuntu imana itakizi .