Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Barack Obama yahejeje urugendo ashima intabwe Kenya igezeko
Kenya: Barack Obama yahejeje urugendo ashima intabwe Kenya igezeko
dimanche 26 Mukakaro 2015
Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yarangije urugendo yarimwo mu gihugu ca Kenya kuva kuwa gatanu igenekerezo rya 24 Mukakaro.
Mw’ijambo ryaciye ku mboneshakure ,Barack Obama yashimye ivyo ico gihugu ca Kenya cashitseko aca akiburira ku bibazo bishobora kuza mu gihe kiri imbere.Yavuze ko igihugu ca Kenya cavuye kure mu bijanye n’ubutunzi na politike.
Barack Obama yaburiye abanyakenya ko iterabwoba,igiturire hamwe n’ikumirwa rishingiye ku bwoko,ari ibibazo bibangamiye kazoza k’ico gihugu. Yashimye uko igihugu civanye mu ngorane zishingiye ku moko zakurikiye amatora yo mu mwaka w’2007.
Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuze kandi ko igiturire gituma abantu ibihumbi 250 babura akazi.
Barack Obama abaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agendeye Kenya.Yitezwe kandi mu gihugu ca Etiyopiya ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana.
Vyitezwe kandi ko azovuga ijambo mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kuwa kabiri igenekerezo rya 28 Mukakaro.
Van Naris Mugisha
Messages
26 Mukakaro 2015, 18:51, par NIYONKURU JEAN
NIYIGIRE AMAHORO NATWE ARAZA KUTUGENDERA MU BURUNDI ,MBE MWUMVA BABANYESHURE 18 BIYAHUYE ?
26 Mukakaro 2015, 21:44, par Emmanuel Ntahizaniye
Ndabaramukije Amahoro, Turashima Inkuru Zimvaho Mutanga Mugihe Abarundi Benshi Tutakironka Amakuru Bivanye Niyugarwa Ryamaradio. Komeza Mudutohoreza Murakoze,
26 Mukakaro 2015, 21:47, par Emmanuel Ntahizaniye
Ndabaramukije Amahoro, Turashima Inkuru Zimvaho Mutanga Mugihe Abarundi Benshi Tutakironka Amakuru Bivanye Niyugarwa Ryamaradio. Komeza Mudutohoreza Murakoze,
26 Mukakaro 2015, 21:57, par Emmanuel Ntahizaniye
Ndabaramukije Amahoro, Turashima Inkuru Zimvaho Mutanga Mugihe Abarundi Benshi Tutakironka Amakuru Bivanye Niyugarwa Ryamaradio. Komeza Mudutohoreza na cane cane aya hano iwacu i Burundi Murakoze,