Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Hatowe ibiziga bihambwe mu kinogo kimwe
Kenya: Hatowe ibiziga bihambwe mu kinogo kimwe
lundi 7 Kigarama 2015
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Mandela, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kenya, bavuga ko babonye ikinogo cahambwemwo abantu bahambwe hamwe barenga 20.
Muri ivyo biziga, harimwo umupfasoni umwe vyari vyavuzwe ko yazimiye mu misi itanu iheze.Amashusho ateye ubwoba yari yakwiragiye ku mbuga za internet zitandukanye, zerekana bimwe mu bihimba vy’umubiri w’umuntu biri hejuru.
Ibindi biziga vyari gusa. Ikiziga c’umupfasoni yaboneka ko amaze kwononekara cane nico cari giteye ubwoba cane.
Bivugwa uwo mu kenyezi yitavye Imana yari afise abana batanu, akaba yafashwe n’abantu bataramenyekana mu minsi ine iheze. Umukenguzamateka wo muri ako karere, Billow Kerrow, yavuze ko ivyo bintu biteye ubwoba kandi ko ubwo bwicanyi bwateguwe.
Umukuru w’igipolisi Joseph Boinnet yemeje urupfu rw’uwo mupfasoni, ariko arahakana ko ata kinogo kirimwo abantu bahambwe hamwe.Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bemeza ko igipolisi kirwanya iterabwoba gisanzwe cica abikekako ico caha.
Mu kwezi kwa gatanu, ibiziga cumi na kimwe vyarabonetse mu kinogo mu gisagara ca Wajiri, mu bumanuko bwa Mandela.
Amasase yabonetse iruhande y’ahari ivyo biziga yatumye haba ukwikeka ko bishoboka ko igipolisi kijejwe kurwanya iterabwoba kibifisemwo uruhara.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Kigarama 2015, 19:55, par Hutsi
Jewe ngombambanze nshimire ikikinyamakuru nabagikorerako kukuntu kidahengeshanya kuducukumburira nokuduha amakuru yabantu bapfuye, haba mu Burundi na Kenya na Congo. Ariko ndakigayiracane kukuntu mengo numuntu yobayaragishizeko igitutu cokugira ntigishobore kuvuga amakurunkayo yomugihuguciwe cu Rwanda.