Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Ibimenyetso bihari vyerekana ko hari abayoboke batari bake ba Al (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Ibimenyetso bihari vyerekana ko hari abayoboke batari bake ba Al (...)

Kenya : Ibimenyetso bihari vyerekana ko hari abayoboke batari bake ba Al shabaab

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Inyuma y’aho umurwi w’iterabwoba Al Shabaab ukoze igitero kuri kaminuza y’i Garissa muri Kenya, hari ibimenyetso vyerekana ko uwo murwi woba ufise abayoboke batari bake aho mu gihugu ca Kenya.

Hari urwaruka rwinshi rwo mu gisagara ca Isiolo, kiri hagati mu gihugu ca Kenya rwaburiwe irengero, bikavugwa ko ruja guhamagara ku materefone imiryango yabo bababwira ko binjiye mu murwi Al shabab.

Amakuru nayo ava mu nzego zishinzwe umutekano avuga ko ibiganiro vyo kuri ngendanwa zumvirije vyerekanye ko abari inyuma y’igitero giherutse gukorwa kuri kaminuza ya Garissa muri kuno kwezi bari bafise abantu batari bake bakorana muri Kenya. Ariko umunya Kenya umwe gusa niwe amaze kumenyekana ko yari mu bagabo bane bitwaje ibigwanisho bateye iyo kaminuza.

Tubibutse ko igitero c’i Garissa cahitanye abantu ijana na mirongo ine n’indwi.


Floxella karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.