Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Igipolisi kiriko kirondera bane bagirizwa iterabwoba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Igipolisi kiriko kirondera bane bagirizwa iterabwoba

Kenya: Igipolisi kiriko kirondera bane bagirizwa iterabwoba

mardi 5 Nzero 2016

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Kenya bari mu gikorwa co gusaka barondera abikekwa gukora ibikorwa vy’iterabwoba,babaciye mu ryahumye igihe bariko basaka inzu imwe mu gisagara ca Mombasa.

Muri ico gikorwa co gusaka cabaye kuwa mbere igenekerezo rya 4 Nzero 2015,igipolisi cafashe inkoho zibiri n’ibintu biturika inyuma yo gusaka muri iyo nzu yahora ikoreramwo n’abo bantu bane.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Mombasa, Nelson Marwa avuga ko inkoho imwe muri izo zafashwe yakoreshejwe mu kwica umupolisi umwe muri ico gisagara mu mwaka uheze.

Iyindi nkoho yo mu bwoko bwa M4, yarakoreshejwe mu gitero co kw’ikambi ya gisirikare mu gisagara ca Mombasa mu mpera z’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Igipolisi cerekanye amafoto y’abo baronderwa bane, bavuga ko ari bamwe bo mu mugwi w’abarwanyi ba El Shabab binyegeje mw’ishamba rya Boni, ku birometero 500 mu buraruko bwa Mombasa.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.