Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Indege ya Air France yaguye muri Kenya kubera kwikeka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Indege ya Air France yaguye muri Kenya kubera kwikeka (...)

Kenya: Indege ya Air France yaguye muri Kenya kubera kwikeka igisasu

dimanche 20 Kigarama 2015

Indege y’ikompanyi Air France yaguye ku kibuga c’indege Moi international Airport kiri i Mombasa mu gihugu ca Kenya inyuma y’aho vyikekewe ko mu mizigo yari itwaye hoba harimwo igisasu.

Ntivyari vyitezwe ko iyo ndege yo mu bwoko bwa AF 463, yari itwaye abantu 459 n’abakozi bayo 14 bavuye mu gihugu ca Mauritius. Yavuye mu gihugu ca Mauritius isaha imwe y’ijoro mu masaha yo mu Burundi,vyari bitegekanijwe ko ishika ku kibuga c’indege Charles de Gaulles i Paris isaha icumi n’imwe kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Kigarama 2015.

Iyo ndege yaguye ku kibuga c’indege ca Moi International Airport i Mombasa hafi y’isaha indwi z’ijoro ku masaha yo mu gihugu ca Kenya.

Umuvugizi w’igipolisi ca Kenya yamenyesheje ko iyo ndege yasavye kugwa vyihuse kuko mu mizigo iyo ndege yari itwaye hari uwo vyiketsweko woba warimwo igisasu.

Yaguye neza ku kibuga c’indege ata kibazo kandi ingenzi zose ziruruka.
Gushika mu gitondo co kuri uyu w’Imana iyo ndege yari ikiri ku kibuga c’indege ca Mombasa muri Kenya.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.