Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Kamilya Mohammedi yagirije Kenya kumuhohotera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Kamilya Mohammedi yagirije Kenya kumuhohotera

Kenya: Kamilya Mohammedi yagirije Kenya kumuhohotera

mardi 15 Nyakanga 2015

Umugore ava muri Reta Zunze Ubumwe z’abarabu,aragiriza igihugu ca Kenya ko camurungitse mu buryo butemewe mu gihugu ca Somaliya na Etiyopiya kubazwa ibibazo.

Kamilya Mohammedi Tuweni,avuga ko bari bihenze igihe bamuhagarika bavuga ko akorana n’umurwi w’iterabwoba w’aba islam al-Qaeda.

Kamilya Mohammedi Tuweni,avuga ko mu bucamanza bw’i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya, akoresheje ubuhinga bw’amasanamu ari i Londres ku murwa mukuru w’Ubwongereza, Kamilya Mohammedi Tuweni yavuze ko yafashwe n’igipolisi kidasanzwe ari mu rugendo rw’akazi muri Kenya mu mwaka w’2007.

Avuga ko yahohotewe mu minsi 72 yamaze apfunzwe imbere yo kurekurwa ata caha kimwagiriye.

Mu gipolisi kijejwe kurwanya iterabwoba mu gihugu ca Kenya,kirahakana ivyashikirijwe na Kamilya Mohammed Tuweni.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.