Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Mu kigandaro ukwihebura nikwo kubuzuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Mu kigandaro ukwihebura nikwo kubuzuye

Kenya : Mu kigandaro ukwihebura nikwo kubuzuye

jeudi 26 Nyakanga 2013

Ku munsi ugira kabiri w’ikigandaro mu gihugu ca Kenya, abanyagihugu ubwoba bwo gusubira guterwa buracabatekeye. Umwe mu ndongozi za Al Shabab yaragabishije ko mu gihe abasoda ba Kenya botokurwa muri Somaliya, umwanya uwariwo wose bashobora gusubira ikindi gitero, kandi ko bwoba ubutumwa ku bashigikiye bose ko Kenya igumiza abasirikare muri Somaliya.

Ku buruhukiro bw’i Nairobi, inyuma y’iminsi itanu habaye ico gitero, haracariho imiryango ikiza kurondera ko yotora ibiziga vy’ababo. Mu mutwenzi wa kare, kuri uno munsi wa kane, hari umukenyezi yahevye araturikisha ararira. Kuva kirya gitero kibaye, azindukira aho ku buruhukiro kuraba ko yoheba agatora ikiziga c’umwishwa wiwe Christopher w’imyaka 26, yishwe arashwe kuwa gatandatu umusi igitero gitangura. Bamurashe urusasu rumwe mu mutwe, urundi mu nda, igihe yariko aherekeza mugenzi we kuri Westgate. Iminsi yose aza kumurondera, bamubwira ko yokwihangana akarindira. Uno munsi vyamunaniye kwihangana. "Ikiziga ciwe basi! Nshaka ikiziga ciwe gusa!" Uko niko yarira avuga.

Imirwi y’abagira neza batabara imbabare baramaze gushika muri Kenya, co kimwe n’abajejwe gufasha imiryango yahahamutse, inyuma yo kubura ababo b’inzirakarengane.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.