Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Nta ngenzi ivuye mu gihugu kirimwo Ebola isubira kwinjira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Nta ngenzi ivuye mu gihugu kirimwo Ebola isubira kwinjira

Kenya : Nta ngenzi ivuye mu gihugu kirimwo Ebola isubira kwinjira

dimanche 17 Myandagaro 2014

Igihugu ca kenya cafashe ingingo yo kudasubira kwinjiza mu gihugu ingenzi zivuye mu bihugu birimwo ca kiza Ebola.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uno wagatandatu igenekerezo rya17 Myandagaro, n’umunyamabanga w’ibiro bijejwe amagara y’abantu, bamenyesheje ko ico gihugu kidasubira kwakira ingenzi zivuye mu bihugu vyamaze kwibonekezamwo umugera wa Ebola. Mbere n’ikompanyi y’indege Kenya Airways yamenyesheje ko nayo ihagaritse ingendo muri vyo bihugu. Iyo ngingo ikazotangura kuja mu ngiro guhera kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro, igihe c’isaha zitandatu z’ijoro ivyo bihugu navyo akaba ari Sierra Léone , Guinée hamwe na Libéria.

Iyo ngingo rero ikazokora ku bivuko vyose vyinjira muri Kenya. Ariko iyo ngingo bamenyesheje ko idafata abajejwe amagara y’abantu bazoba bagiye gufasha kuzitira muri ico gihugu kugira ntibashikirwe hamwe n’abanyagihugu ba Kenya bavuye muri ivyo bihugu batashe mu gihugu c’amavukiro, ariko abo nabo bazobanza gusuzumwa kandi bongere bagume bacungishijwe ijisho, bibaye ngombwa naho bakabashira ukwabo.

Tubamenyeshe ko mu bihugu bitandukanye bariko bafata ingingo zitandukanye zo kurwanya ico kiza Ebola, n’ Ibujumbura mu Burundi, hakaba hari umurwi w’abaganga wamaze kurungikwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’ibindi bikorwa bitandukanye bijanye no gukinga ico kiza ca Ebola.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.