Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Reta igihe gushiraho umugambi wo gushira inyabwonko ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Reta igihe gushiraho umugambi wo gushira inyabwonko ku (...)

Kenya : Reta igihe gushiraho umugambi wo gushira inyabwonko ku mashure

mercredi 25 Ruhuhuma 2015

Umunyamabanga w’umushikiranganji wa Kenya ajejwe indero, avuga ko umugambi w’ico gihugu wo guha amamashine nyabwonko umwana wese bawuhevye, bakazokoresha ubuhinga bwo mu gihugu ca Brésile.

Jacob Kaimenyi akaba avuga ko guha imashine nyabwonko umunyeshure wese, basanze bitoroshe, baca bafata ingingo yo kwubaka inyubakwa boshiramwo izo nyabwonko ku mashure. Uwo mugambi w’izo nyubakwa z’inyabwonko ukaba usanzwe uteye imbere mu bihugu nk’Ubuhindi, Indénosie , Nigeria, na Brésile. Jacob Kaimenyi akavuga ko ishirahamwe rikurikirana iv’inyigisho UNESCO hamwe n’umuhinga waryo, babonye ko uwo mugambi ari mwiza, mbere bawemeye.

Jacob Kaimenyi, akavuga ko uwo mugambi uzotuma abanyeshure bakura bazi ubuhinga bugezweho bwo gukoresha inyabwonko. Akemeza ko uzotuma igihugu gisohora amafaranga atari make.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.