Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Reta yatanguje ibikorwa vyo kurondera abasirikare batwawe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Reta yatanguje ibikorwa vyo kurondera abasirikare batwawe na (...)

Kenya: Reta yatanguje ibikorwa vyo kurondera abasirikare batwawe na Al-shabab

lundi 18 Nzero 2016

Reta ya Kenya imenyesha ko yatanguye igikorwa co kurondera abasirikare bayo batwawe n’umurwi w’abarwanyi ba Al-Shabab inyuma y’ibitero bagize mw’ikambi y’abasirikare bava mu gihugu ca Kenya bari mu rwego rwa AMISOM.

Umukuru w’igisirikare ca Kenya General Samson Mwathethe avuga ko batanguye igikorwa co kurondera muri Somalia, abasirikare Al Shabaab ivuga ko yagize imbohe.

General Samson Mwathethe yabivugiye ku kibuga c’indege i Nairobi, aho yariko arakira abasirikare bakomeretse muri ico gitero cabaye kuwa gatani igenekerezo rya 15 Nzero 2016.

Al Shabaab ivuga ko abasirikare ijana ba Kenya bari mu mugwi AMISOM biciwe mu gitero co kuwa gatanu.

Abo barwanyi baramaze gukora ibitero ku bigo vyinshi vy’abasirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu mezi aheze, bica abasirikare benshi.


IGIHE

Messages

  • BWABUMWE BWAFRIKA NGIRA BURABONA KO ABASIRIKARE BIFUZA KOBOJA MUBURUNDI KOBAKENEWE MURISOMARIYA NAYO MUBURUNDI TWE AMAHORO ARAHARI KIRETSE INTUNVA NKEYA NAZO UMUTI URIKUZIKO IZONTEKO NIBAZIJANE AHO ABASODA BIRIRWA BAFATWA NPIRI MURI SOMARIYA AHUBWO NIBASABE UBURUNDI BURUNGIKEYABANDI BASODB KUKO NIBO BASHOBOYE GUTUZA INTAGONDWA MUR SOMARIYA

  • Ewe Emanwel we, nibaza ko udasoma amakuru! Nta n’amezi atatu hapfuye abasoda bo 50 bo mu Bndi none uriko uraririmba? Muri Kenya barapfuma bakirana iteka ibiziga nabakomeretse, nayo Nkurunziza? Aba ariko arikinira umupira, ntaco bimubwiye. Ico abona namahera abo basoda bamucira ntakindi

  • bajaneko bande? ivyiwanyu niranse none ngo bagende somalia, somalia nta kiyeri kihaba ga mushingantahe, ahubwo bagume bafate kunguvu abakenyezi nivyo bazi ,kugwana ni zero.

  • Ego Ntakundi Imana Yakire Abo Bitavye Imana Reta Ya Kenya Nawe Wihangane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.