Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Ishengero ryasavye abagore n’inkumi kudasubira gusenga bambaye (...)
Kenya : Ishengero ryasavye abagore n’inkumi kudasubira gusenga bambaye uduhuzu two munsi
mercredi 5 Ntwarante 2014
Mu gihugu ca Kenya, hari amakuru atangaje y’umupasitori w’i Nairobi yasavye abayoboke biwe na cane cane abakenyezi kutambara uduhuzu two munsi mu gihe bari mw’isengero, kugira mutima mweranda yinjire.
Abayobozi benshi b’amashengero hari ibintu bama bigisha canke bagasaba abayoboke babo kugira barushirize kwiyegereza Imana, usanga bisa n’aho bitangaje. Biratangaje canke umuntu yokwibaza igituma uwo mupasitori yasavye abayoboke biwe b’abigeme n’abagore, kudasubira kwambara uduhuzu two munsi, mu ntumbero yo kwiyegereza Imana. Uwo mu pasitori yasavye ko boza mw’isengero batazambaye, kuko utwo dukabutura two munsi, ari nko kwiyanduza.
Abayoboke biwe rero bategerezwa kuza ataco bambaye munsi kugira ntihagire ikintu na kimwe kibafatira yaba ku mubiri canke mu mpwemu, mu kwakira kristo, nk’uko bivugwa n’uwo mu pasitori Njohi, asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mw’ikaritiye imwe iri Nairobi muri kenya. Agirako anabakarira, aho mbere abamenyesha ko Imana yobarungikira ibihano bikomeye kuri abo bose bokwanka ko mutima mweranda yinjira kubera agatambara gusa umuntu yambaye munsi.
Uduhuzu two munsi rero yaba utubutura, yaba tumwe abigeme bambara mu gikiriza bisabwe kutugumiza mu bubati iwabo muhira. Mbere imbere yo kwinjira mu ngoro y’Imana hari abakenyezi ata kindi bajejwe atari ugusuzuma ko abakobwa batoba bambaye utwo duhuzu munsi.
Umwe mu basanzwe basengera muri iryo sengero mugabo atashimye kwivuga izina yamenyesheje ikinyamakuru co ngaho muri Kenya ko mu misa yo ku munsi w’Imana abayoboke b’iryo shengero bavyemeye mbere bagiye batambaye utwo duhuzu munsi. Ntawuzi rero ko boba bumvise ko ariho baba begereye Imana gusumvya. Abantu rero gushika n’ino saha ntibaratahura izo nyigisho z’uwo mupasitori.
Aristide Nizigire
Messages
5 Ntwarante 2014, 22:02, par jjjjj
Nabo mubihevyanyuma
5 Ntwarante 2014, 22:08, par clay
...bafise ishusho yo kwubah’Imana,ariko bagahakana ubushobozi bwako.
muzobamenyera ku vyo bama.
6 Ntwarante 2014, 09:26, par Kabizi
Uwo arimwo impwemu mbi azohora abasambaniriza mu rusengero!
Ahejeje kwéjacula azoca avugako abahaye mpwemu!Ewe wa si uragowe!jewe ndi Ministre de l’Intérieur noca ndara mpfunze ako kaguriro k’Imburakimazi!
6 Ntwarante 2014, 11:07, par bukuru
Uyo yuzuye amadayimoni, nta Mana tuzi yigeze amenya, muragaba n’abantu nkabo bazana ibitanditswe, ni kimwe n’abasengera Ibiziga bose n’ukubaraba neza.
6 Ntwarante 2014, 11:09, par NTIBAGIRIRWA Isaac
Niko paster ntago woba wipfuza kubashikira bitakugoye, mbe mutima mweranda yinjirana mukibiribiri canke yinjirana mumushaha utyoroye bitandukanye n’umutima winyama. Warize ariko nturatahura ntaho utaniye nabavuga ko kryamikwa mumazi menshi ariko kubatizwa vyukuri, ko ariho ivyaha biba bikuwe. ntibatahure ko hakizwe umutima ucumura maze ugahinduka mweranda. Amen.
6 Ntwarante 2014, 13:49, par Nkunzimana
ewe Mana Nkumbura Wibuke Isi Yawe!
6 Ntwarante 2014, 17:26, par Mahoro.
Eka nukuri bantu twemera reka twetegure umwami wacu ari hafi kuko satan asigaye akora kumugaragaro ndemeza neza ko uyo arumu dayimon kandi numu satanic ,.. Bene data muragabe ivyo bitwibutse ko jesus is coming ,yesu araje.
6 Ntwarante 2014, 17:26, par Mahoro.
Eka nukuri bantu twemera reka twetegure umwami wacu ari hafi kuko satan asigaye akora kumugaragaro ndemeza neza ko uyo arumu dayimon kandi numu satanic ,.. Bene data muragabe ivyo bitwibutse ko jesus is coming ,yesu araje.
7 Ntwarante 2014, 16:30, par Cyriaque uwimana
Hanyuma naho muzokwumva ngo yabigishije ko bose basambana. Oya nawe mbarira, ahantunkaho wo kwicarana numukobwa atambaye kariso, muri muri louange canke mwakesheje ukavaho utamusambanije? Arabo mpanura abakristo baho muriryo shengero bakwiye kwigira ahandi kuko batewe.
7 Ntwarante 2014, 20:58, par bobic
Uwo mupasitori yatumwe na satani.
13 Ruheshi 2016, 20:24, par Ntaconzoba Gerard
Ooh! Isi . Irarangiye Ese icompa Abantu Bakamenya ukuri ! Yes Agiyekuza .
21 Mukakaro 2018, 22:17, par ISSA
NUGUCUNGANEZA.UYOMUPASITORI.SUMWERANDA.AZOHAVABASAMBANYA
21 Mukakaro 2018, 22:27, par ISSA
MBE.MWIYOKARITIYE.NTAYANDIMADINI.AHARI?KUGITICANJE.NDIMWOMWABAOBAYOBOKE.NOVAMWOKUKO.NTIYOBARIYOMANA