Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Umurwi ujejwe kumenya ukuri waraburagijwe
Kenya: Umurwi ujejwe kumenya ukuri waraburagijwe
jeudi 2 Rusama 2013
Umurwi ujejwe kumenya ukuri, ukurekuriranira n’ubutungane wari wagenywe ngo utohoze ku muzi w’indyane zifatiye ku matongo, n’ubwicanyi bufatiye kuri politike.
Ariko uwo murwi ntiwashoboye gushikiriza icegeranyo cawo umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta.
Kenyatta asanzwe ariko akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpana vyaha ku ruhara akekwako mu ndyane zakurikiye amatora yo mu 2007.
Hari n’ibivurwa ko uwo murwi woba warasanze umuryango wa Kenyatta waragize uruhara mu kunyaga amatongo.
Umunsi ntarengwa wo gushikiriza ico cegeranyo, n’ejo ku munsi wa gatanu.
Aristide Nizigire