Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umusore yemera ibitungwa kugira yubakane n’umukobwa wa Barack (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umusore yemera ibitungwa kugira yubakane n’umukobwa wa Barack (...)

Kenya : Umusore yemera ibitungwa kugira yubakane n’umukobwa wa Barack Obama

mercredi 27 Rusama 2015

Umusore akora umwuga w’ubucamanza mu gihugu ca Kenya asaba gutanga, inka 50 ,intama 70 impene 30, ku mukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe yokwemera kumuha umwe mu bakobwa biwe yitwa Malia afise imyaka 16 .

Nk’uko uwo musore yabibwiye ikinyamakuru “The Nairobian", avuga ko yatanguye kwumva anezererewe uwo mwigeme kuva 2008, igihe Barack Obama yari mu myiyamamazo yo kurongora Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku kiringo ca mbere, uwo mukobwa nawe ico gihe yaragifise imyaka 10.

Uwo musore yavuze ko kuva ico gihe atarigera akundana n’uwundi mukobwa canke ngo asohokane n’umuntu n’umwe mu ntunbero yo kuzomubera umufasha mwiza, iryo banga naryo, akaba yaribikishije umuryango wiwe kandi bakaba baremeye kumufasha kuronka inkwano umuryango wa Barack Obama womusaba.

Felix Kiprono abandanya avuga ko yizeye ko Obama azozanana n’umukobwa wiwe mu rugendo rwa mbere azogira muri ico gihugu ca Kenya mu kwezi kwa gatandatu. Ku kibazo c’abantu bibaza ko,kwoba ari ugushaka amaronko yo muri uwo muryango wa Obama, Felix avyamirira kure.

Kiprono avuga ko mukwerekana ko urukundo rwiwe ari urwo ukuri, hamwe yoramuka yemewe n’uwo amaze igihe akunda, azomwigisha kuba mu buzima busanzwe ,nko gukama inka, gucumba ubutsima bw’ibigori ,gukora ikivuguto nkabagore bose bo mu gihugu ca Kenya mu bwoko bw’abakalenjin.

Uwo musore Felix Kiprono asanzwe ava mu bwoko bw’aba Kalenjin mu gace kitwa Kogelo bivugwa ko na se wa Barack Obama asanzwe ariho aturuka kuko na nyinakuru wa Obama aheruka gukwiza imyaka 90 n’ubu ariho aba.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.