Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Umutekano wongerejwe inyuma y’ingingo ya sentare ku matora
Kenya: Umutekano wongerejwe inyuma y’ingingo ya sentare ku matora
dimanche 31 Ntwarante 2013
Igipolosi muri Kenya «congereje umutekano inyuma y’ingingo ya sentare ntahinyuzwa yo kwemanga intsinzi ya Uhuru Kenyatta.
Nta bintu vyononekaye mw’ijoro naho hari uruhagarara.
Haradutse akaguma ubwo nyene sentare imaze kumenyesha ingingo yayo, hapfa abantu babiri abandi benshi barakomereka mu gisagara ca Kisumu mu burengero, ahaba benshi bashigikiye Raila Odinga.
Igipolisi kivuga ko ibintu i Kisumu vyasubiye mu buryo.
Umushingantahe Odinga yavuze ko azokwubaha ingingo ya sentare ngo ariko azorondera ubundi buryo bwo gutorera umuti ikibazo aciye mu nzira y’umutekano.
Yahamagariye abamushigikiye kwirinda gusesa amaraso.
Jean de Dieu Munyembabazi