Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Kenya : Umwigeme w’imyaka 23 yanduje SIDA abagabo 300
Kenya : Umwigeme w’imyaka 23 yanduje SIDA abagabo 300
vendredi 13 Nyakanga 2013
Umwigeme yiga muri kaminuza y’i Nairobi mu gihugu ca Kenya, yashize ahagaragara urutonde rw’abagabo amajana atatu yanduje umugera wa SIDA, inyuma y’uguhuza ibitsina n’abo bose, mu myaka mike iheze.
Nk’uko vyandika na Kenya Post, ikinyamakuru candikirwa aho mu gisagara ca Nairobi, uyo munyeshure wo muri kaminuza y’i Nairobi, yatangaje urwo rutonde kuri uyu wa munani Nyakanga uyu mwaka. Uyo mwigeme asanzwe yiga mu mwaka wa gatatu mu gisata c’ubuhinga, yavuze ko muri abo bagabo amajana bahuje ibitsina, atanumwe yigeze akoresha agakingirizo. Ico kinyamakuru candika ko uyo mwigeme yivugiye wenyene ko muri abo bantu bagiye barahuza ibitsina, harimwo bamwe mu bayobozi bakomeye b’igihugu, abashikiranganji, abasirikare, n’abandi banyacubahiro.
Uyo mwigeme rero avuga ko abagabo bamwinginga cane ko yoryamana nabo, kandi bo nyene bakaba aribo bisabira ko batokoresha agakingirizo, maze bahejeje bagaca bamuha amafaranga menshi, n’ibintu vyinshi vyagaciro. Avuga ko n’abasore bamusaba ko boryamana, muri bo hakaba hari abanka gukoresha agakingirizo. Avuga ko hari abo yankira, kuko abona bakiri bato, akabagirira impuhwe z’ukubanduza SIDA. Avuga ariko ko abasore atari benshi, kuko abasore bakenye batoronka ivyo kumuhonga bikwiriye. Kenya Post candika iyo nkuru, nticatanze izina ry’uyo mwigeme w’imyaka 23 y’amavuko, yanduje umugera abasore n’abagabo 300.
Kuva aho urwo rutonde rugiriye ahabona, abantu benshi aho mu gihugu ca Kenya boba imitima yabo iri hejuru, na cane cane abaryamanye n’uyo mwigeme. Uyo mukobwa rero akaba yabariye abanyamakuru ko abo bagabo bose yaryamanye nabo, afise inomero zabo za terefone kandi ko yiteguriye kubibabarira, canke akarondera ubundi buryo iyo nkuru mbi yobashikira, kugira batangure gufata imiti yo guhoyahoya ico kiza. Ndetse akaba asaba abo bose baryamanye nawe, ko batoreka gufata imiti, kuko baheza bakaba barabayeho, bakarera abana babo, n’ugukurikirana ivyabo.
Uyo mwigeme w’imyaka 23, avuga ko ivyo abishize ku mugaragaro inyuma yaho yakiriye uwami Yezu Kristu ( Yesu Kristu) ndetse akemera ko agiye gukorera Imana, akava mu bikorwa vyo kudandaza umubiri vyari vyaramutwaye. Uyo mwigeme rero akaba aheraheza asaba imbabazi abasore yasambanye nabo, muri abo harimwo abo biganye muri kaminuza, akavuga ko atariwe, ahubwo yari Shetani (Satani).
Aristide Nizigire
Messages
14 Nyakanga 2013, 08:42, par Edward
Akonakamaramaza kwica abantu bangana uko ntaho atanye nashetani
15 Nyakanga 2013, 00:20, par INNOCENT
UWOMUNTU YOKWIGUMYA NTIYANDUZ ABANDI
11 Kigarama 2013, 20:02
JEWE ICOMBONA KOVYAMENYEKANYE BAKABA BAMUMENYE IGIPORISI NIKIMUFATE ABAZWE KWICOCAHA COKWICA KANDI AKABA ANACEMERA HANYUMA INTAHE IMUKUBITE MUGAHANGA.
8 Nzero 2014, 08:43, par Umuruta sati Natty
Akonakamaramaza abashingantahe bose.
Nibamumenya bomwiyicira
15 Ruhuhuma 2014, 12:17, par jeanluc
Akwiye gufatwa akanyongwakuko numwicanyi stagira urugero
25 Ruhuhuma 2014, 13:44, par Nigendako Enock
Uyo mwigeme ntanumwe yakuye muhira kuko abagabo basiga abagore babo muhira abo yagiriye nabi nabasore aho naho yihanye.
25 Ruhuhuma 2014, 20:07, par Nininahazwe Régis
Uwo muntu ni bamuharire ko nawe yiyumviriye kwakira umukiza.
26 Ruhuhuma 2014, 13:49, par clay
YEMWE GA YEE!
EMWE URIKO URABIRABA WOMENGA BIRASIZE UBWENGE:
HAMWE UTI
N’UBWICANYI BW’AGAHOMERABUNWA KUKO ABANTU BARENGA AMAJANA ATATU ARI BO BITEZE KUZOPFA KUBWIWE; KANDI ABO NABO BARASHOBORA NO GUHITANA ABANDI BANTU.
IKINDI NA CO,UMENGO YOKWAGIRIZWA ISESAGURWA RY’UBUTUNZI BWA LETA YA KENYA,KUKO LETA IZOSOHORA AMAHERA MENSHI MU KUGURA IMITI Y’ABARWAYI BA SIDA.
URUMVA MURI LETA, UWO MUKOBWA YOKWAGIRIZWA IVYAHA BIBIRI CANKE BIRENGA (UBWICANYI BW’IKIVUNGA,HAMWE N’ISESAGURWA RY’UBUTUNZI BW’IGIHUGU).
UMENGO UMUNTU YOCA AVUGA ATI "ARIKO UYO MUKOBWA NAHO YIHANYE,YAR’AKWIYE GUCA IMBERE Y’UBUTUNGANE,BUKAMUBOHORA HANYUMA N’IMANA NA YO IKAMUBOHORA."
ARIKO BURYA,IMANA IRASHOBORA GUKORA IKUNTU KU MUNTU CANKE KU BANTU,MBERE NO KU GIHUGU,IFISE IYINDI NTUMBERO.
1er Ntwarante 2014, 15:29
Ntakundi !abasigaye batanduye bohakura icirwa. Kandi ico nico kibi co kurenga ibigo.
19 Ntwarante 2014, 20:13, par twizerimana desire
ntacaha kidaharigwa niba koko yarihany icaha nokintu ciza kuri jew nabashe yezu barahariw nibza ko ntacaha gisumbico ikind abagabo nabsore nituakur icigwa tugwiz kwihangana nukugumana nabo twasezerany
23 Ntwarante 2014, 12:35, par cokumpa
yooooooooooooo.nakamaramaz uyomukobwabakwiye kumuturira
1er Rusama 2014, 16:40, par John
Urwishigisgiye ararusoma . Iyo atandaraje ukinjiza birakureba Uwo mugore bamureke ntawe yafashe kungufu. Ahubwo tuhigire isomo!!! Ifate koresha agakingirizo mwipimishe!!!
3 Rusama 2014, 21:23, par kayobera
Uwomwigeme ntakosa narimwe afita nacane cane ko yababwira bambare agafuko bakanka;nibabe bareka kurenga ibigo.bamenyeko inyuma yakanyarehaza akanyarire.
13 Nyakanga 2014, 22:07, par ###7876##
None nikuki bakimurondera atababwiza ukuri bakamenya uko babigenza ariko ntimubona neza ko uyo mwigeme yashaka gukora nkivyo abandi bamugiriye ntibamuhishuke nawe ati sije nohahera mugabo ko yasavye imbabazi arazikwiye kuko nubundi naho mutomuha izo mbabazi abo yanduje ntibari bukire bose bazopfa.
13 Nyakanga 2014, 22:07, par ###7876##
None nikuki bakimurondera atababwiza ukuri bakamenya uko babigenza ariko ntimubona neza ko uyo mwigeme yashaka gukora nkivyo abandi bamugiriye ntibamuhishuke nawe ati sije nohahera mugabo ko yasavye imbabazi arazikwiye kuko nubundi naho mutomuha izo mbabazi abo yanduje ntibari bukire bose bazopfa.