IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kenya : Urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwungurujwe

Kenya : Urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwungurujwe

jeudi 9 Gitugutu 2014

Umukuru w’igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yabaye umukuru w’igihugu wa mbere akiri mu mabanga, arengutse imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC.

Kenyatta ahakana ivyagiriji bimurega kugira uruhara mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007, ubwo nabwo nk’uko bivugwa, bukaba bwahitanyeabantu batari bake.Icari kigamijwe mu kwumwumviriza, kwari ukuraba namba urubanza rwoburanishwa canke rugahebwa. Ubutungane bwavuze ko rwoba rurimuriwe ku kiringo kitazwi, gushika Reta ya Kenya itanze ivyo yita vya nkenerwa.

Abunganira umukuru w’igihugu ca Kenyatta bavuga ko atari akwiye kuburanywa, kuko ubutungane bwananiwe kuzana ibimenyetso biboneka. Umukuru w’igihugu ca Kenya nk’uko bamwe ma banonosoye amategeko babivuga, yerekanye akarorero keza, ko atan’umweari hejuru y’amategeko, mu giheabandi babona ko atarakwiye kwitaba kuko ubu akiri mu mabanga yo kurongora igihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.