Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Yagirijwe gushira amafoto y’abasirikare kuri whatsapp
Kenya: Yagirijwe gushira amafoto y’abasirikare kuri whatsapp
mercredi 20 Nzero 2016
Umugabo ava mu gihugu ca Kenya Eddy Reuben Illah, yagirijwe icaha co gushira amafoto bivugwa ko ari ayo abasirikare ba Kenya bishwe mu ndwi iheze n’abarwanyi ba al-Shabaab muri Somalia.
Eddy Reuben Illah yahakanye ivyo yagirizwa ko yashize ayo mafoto ku buhinga ngurukanabumenyi bwa WhattsApp.
Abacamanza bavuga ko ayo mafoto yoshobora gutera abantu ubwoba no kugira umutima uhagaze.
Abategetsi mu gisagara ca Nairobi ntibigeze bamenyesha igitigiri c’abasirikare ba Kenya baguye mu gitero c’abarwanyi b’umurwi wa al-Shabaab cabaye ku kirindiro c’abasirikare ba AMISOM.
Muri ico gitero cabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2016,Al-Shabaab ivuga ko yishe abasirikare ba Kenya barenga ijana.
IGIHE
Messages
20 Nzero 2016, 15:39, par 0626070990
NTA KURI KURI MUBA ALLSHABAB IYO BAVUGA KO BISHE KAGAME VYARIVYO KUKO NIWE ABUJIJAMAHORO UBURUNDI
21 Nzero 2016, 22:14, par Izotwishura j.Marie
Ntakund Imana ibakir mubwam bwayo,
23 Nzero 2016, 10:35, par keza nelly daniella
Imana bibakir mubwami bway hama ico kirofa ng ni j.marie kirek urugamb ahubw iy bic nkurunziza kuk ariw atez ingoran mu Burundi.
30 Nzero 2016, 07:57, par KADAFI
ABISHWE NTIBASHIRWE AHABONA NABATABIJEJWE UKO NI UKUGAYA INTWARO