Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kigali: Simba Supermarket yahiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali: Simba Supermarket yahiye

Kigali: Simba Supermarket yahiye

mercredi 20 Ntwarante 2013

Inyubako y’ubudandaji “Simba Super Supermarket” ikorera mu gisagara ca Kigali yatewe n’umuriro mw’ijoro riheze ryo ku wa 19 Ntwarante 2013, aho bimwe muvyari bihadandarizwa vyahiye biratokombera.

Ubuyobozi bwa Simba SuperMarket bumenyesha ko umuriro wadutse nka saha indwi z’ijoro, ariko bimenyekana haheze nk’isaha yose.

JPEG - 68.3 ko

Gasana James umwe muri bene Simba Supermarket yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, aho amenyesha ko umuriro watanguriye ku kibanza kibikwamwo frigo zishingura inyama, bikaba bishoboka ko watewe n’intsinga z’amatara zitari zifashwe neza.

Gasana amenyesha ko ivyahononekariye biharurwa hagati y’imiliyoni 30 na 40 z’amafaranga y’amanyarwanda.

Ku bwiwe iryo sanganya ntiribuza ko imirimo ya Simba Super Market ibandanya ukuri kwamye, aho yivugira ati; “N’uyu munsi turugurura”
Mu gisagara ca Kigali inyubakwa zitandukanye zimaze igihe ziterwa n’impanuka z’umuriro kandi mu mwanya usa n’uwegeranye
Haheze igihe kitari kinini urwego rw’igipolisi rujejwe gukinga impanuka z’umuriro rutanguje inyigisho zijanye no kwirinda n’ukurwanya impanuka y’umuriro mu banyagihugu hirya no hino.

Twibutse ko Simba Super Market yaraye ihiye ikorana n’ishirahamwe CORAR rikinga kandi rigashumbusha abahuye n’ivyago bitandukanye. Ubu ubuyobozi bwa Simba Super Market buriko buraharura ivyahononekariye kugira bazobisubizwe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.