Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kigali : Urupapuro rw’inzira kuri Afrika rwatangujwe icese - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali : Urupapuro rw’inzira kuri Afrika rwatangujwe icese

Kigali : Urupapuro rw’inzira kuri Afrika rwatangujwe icese

dimanche 17 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mu muryango w’ubumwe bwa Afrika yatanguye icese kuri uwu w’Imana. Igikorwa nyamukuru cabaye muri iyo nama akaba ari uko abari muri iyo nama batanguje ku mugaragaro urupapuro rw’inzira rumwe ku banyafrika.

Umukuru w’igihugu wa Tchad, Idris Deby, n’umukuru w’igihugu w’Urwanda Paul Kagame, babaye aba mbere bahawe urwo rupapuro rw’inzira rwa mbere (Passeport) rwatanzwe n’uwo muryango.

Abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vyabo n’ayandi makungu, hamwe n’abakozi bo hejuru bo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika nabo bazohabwa iyo pasiporo mu minsi ibiri iyi nama igiye kumara.

Uwo muryango ufise icizere ko mu mwaka w’2018 iyo pasiporo izoba yatanguye guhabwa abanyagihugu basanzwe bo mu bihugu bigize uwo muryango.

Urwo rupapuro rw’inzira nyafrika ruzofasha abanyagihugu bo muri Afrika kugenderanira ata nkomanzi.


IGIHE

Messages

  • Ni intambwe ikomeye kandi ihambaye. Afrika komera, twari twarabuze imboneza.

  • Terimbere Rwawe Nayomuburundi Kurunzizayatumaze Bonantakindashoboye

  • Mbega Uburundi Nabarundi Nabo Bazoroswa Iyo Pasport?Mbega Burya Igisata Kijejwe Gutanga Ama Pasport Tumaze Gukoresha Pasport Imwe Muri Afriqua Yose Ntikizoca Cugara?

  • Nimukomere,nkuru wewe azotahira kwinyegeza muri ya mazu yongaha mugisagara ca Bujumbura ni ngozi.

  • nonese mwayironka gute mwarikuye muri AU mudafite numuntu numwe ubavuganira peter yarakwiye gushakira uburundi na barundi iterambere yirigwa yica gusa ntakindi ashoboye kbs.

  • yanama ningirakamaro kabisa naho abiwacu batayitavye!!!

  • NIVYIZA MUGABO NUKU BURUNDI BUTARIMWO KUBERA GA T W K B COM

  • Nkurunziza p ntayo akeneye iye yaba arukwangiza ko ntaho yatinyuka kijya.

  • Abarundi turagowe,urwo rupapuro ntagotuzoronka kubera ntantumwa zuburundi ziri muriyonama yirwanda.Kuko nabari baduserukiye wamukozi wasatani yicaye kubarundi benshi bakeya nabo bakamugira ikigigwamana yitwa HERODE Nkurumbi,yaciyabatumako baravayo.none wumva igihugu cacu kirimwo?Ewe Herode teshwute ntawuhora kungoma naba Buyoya barakirekuye.

  • Abarundi turagowe,urwo rupapuro ntagotuzoronka kubera ntantumwa zuburundi ziri muriyonama yirwanda.Kuko nabari baduserukiye wamukozi wasatani yicaye kubarundi benshi bakeya nabo bakamugira ikigigwamana yitwa HERODE Nkurumbi,yaciyabatumako baravayo.none wumva igihugu cacu kirimwo?Ewe Herode teshwute ntawuhora kungoma naba Buyoya barakirekuye.

  • wobomye ko dufise ikibanzo ntavyogutenbera nukumera peter nkurunziza..

  • Aba presidents bose bari i kigali ngo baraye badasinziriye binginga Kagame ngo abe peresident wa AFRICA YOSE , donc africa ibe igihugu kimwe ariko Kagame aranga ngo kuko ashaka kubanza guteza Rwanda imbere ikamera nka Singapore canke Suisse mu myaka 5 twimirije. Ayandi makuru ava i kigali aremezako president ZUMA yasavye amahera tagira igitigiri Kagame kugira ngo arihe amande yaciwe na sentare nkuru yo muri south africa kw’ikoreshwa nabi ry’itunga rya reta

  • Abantu mwarapfuyimitima. Kuki mudashaka kwemera ubuhanuzi?aho ntimubona ko arivyabihugu bigiye gukoresha ifranga rimwe .hahiriwe ugiye kwitaho ijambo ryimana nokurondera passaport imujana mwijuru gusa.

  • TWEBWE TUZOJA MU NAMA YA AU niyabera muri TANZANIA canke South Africa GUSA

  • Abarundi tuzoba abanyororo Mu gihugu kubera yuko nta passport tuzobona.nkurumbi atuboheye amaboko mu mugongo ntuze

  • Ngira Imana izotuja imbere umusi umwe natwe turonke imboneza koko zikunda igihugu atari ba mpema zuzuye na ba sesa nkuyoze, none ubona nk’ubu bamariye iki u Burundi?

  • @CNDD FDD: na Tanzania yarabahinyuye jya kumupaka urebe ko batabafatiye embargo yibiribwa icyo musigaranye nukujya mubiganiro gusa i arusha kandi na Zuma atangiye kubona ko yabibeshyeho kuko iriya nama yari iyobowe numufasha we muri make muzajye mukorera inama iwanyu niho musigaranye

  • uri umunya Rwanda wewe ubiraba kwiki? ngira aho uri wamaramaye ko ivyo wavuze ari ububeshi? embargo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.